02/08/2026
:
🎤Twatanguye imyimenyerezo dutevye,intango yama igoye,dukinye uru rukino tumaze indwi n'igice mu myimenyerezo mu gihe Kayanza United rwari urukino rwabo rugira gatatu,abakinyi banje bigenjeje neza ariko ntibaramyenyerana kuko benshi ni bashasha.
🎤Uru rukino rwadufashije vyinshi,erega turafise n'abakinyi bavuye mu vyicaro bitoya vyari bikenewe ko habamwo ukurinda kubera bakinye na bakuru babo,twabonye aho gukosora,dufise intumbero yuko umugwi utosubira muri birya bibanza wash*tsemwo mu mwaka uheze,tuzorwana cane kugira inkino z'igice co gutangura zihere dufise ibibanza vyiza hama izo gutangura turabe ko twohiganirwa igikombe.
Ivyo ni ivyashikirijwe na Robert Bimenyimana amenyereza Messager Ngozi aho yaganira na SatSport.bi inyuma yo gutsindwa na Kayanza United igitsindo 1 ku 0 mu rukino rwo kwitegurira ihiganwa Primus League Burundi rwabaye kuri uno wa 2 Myandagaro 2026 ku kibuga Urukundo.
Bavugamenshi Pierre✍️
FFB
01/08/2026
: Ihiganwa rikuru ry'umupira w'amaguru mu Burundi Primus League Burundi umwaka wa 2026-2027 rizotangura ku wa 14 Myandagaro 2026.
Mw'itangazo ryateweko umukono na Elysé Niyubahwe umunyamabanga mukuru wa FFB, imigwi yose isabwa gushira mu nguri ingingo zose zikenewe kugira ngo baronke impusha z'abakinyi (licences) hamwe no gush*tsa ibisabwa vyose ku bijanye n'uruhusha rw'umugwi (Licence du club).
Itariki ntarengwa yo gutanga impusha z'abakinyi ni ku wa 3 Nyakanga 2026 ku bakinyi bakina mu Burundi hamwe no kuwa 15 Nyakanga 2026 ku bakinyi bakina mu mahanga.
Mu ntumbero yo gutanguza umwaka mushasha w'inkino, urukino rwa Super Coupe ruhuza umugwi watwaye igikombe c'ihiganwa rikuru n'uwatwaye igikombe c'umukuru w'igihugu ruzoba ku 8 Myandagaro 2026 hagati ya Aigle Noir CS na Rukinzo FC isaca icenda (15h00) ku kibuga Intwari.
Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi
01/08/2026
Umugwi Olympic Star w'i Muyinga watsinzwe igitsindo 1 ku 0 n'umugwi Flambeau du Centre w'i Gitega.
Ni za nkino zitegurwa mu ntumbero yo gutegura neza ihiganwa rikuru ry'umupira w'amaguru mu Burundi
Ico gitsindo cabonetse ku munota wa 11 w'urukino, cinjijwe n'umukinyi mushasha .
Tubibutse ko Flambeau du Centre yaheruka gutsindwa i muhira n'umugwi wegukira igisirikare , nayo ikaba yari yanganije n'umugwi ku kibuga c'i igitsindo 1-1.
Bakunzi b'inkino, mubona imigwi iriko iritegura ku rugero rushimishije?
Eric Ricky Bizimana ✍️
SatSport.bi
🇧🇮
30/07/2026
Le Messager FC•: Inyuma yo kushira umukono ku masezerano yo gufashanya n'urunani rw'abarimyi babigize umwuga b'igiterwa c'ivoka , umugwi Le Messager fc Ngozi uhejeje gushira ahabona umwambaro uzohora wambara kuri Stade Urukundo.
Uwo mwambaro ukaba uriko izina ry'urwo runani.
Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi
FFB
30/07/2026
Province Butanyerera: Twipfuza ko Messager Ngozi isubira mu migwi iserukira Uburundi haba muri TotalEnergies CAF Champions League & Confederation Cup.
Kubw'urunani , Manirakiza Marc batazira Poshen ati:" Turashaka ko Messager Ngozi isubira mu migwi itwara ibikombe,inkino ziratuma abantu bagira amagara meza,ata magara meza nta terambere,niyo mpamvu twashimye kuba abafatanyabikorwa b'uwo mugwi,amasezerano tugiriraniye si ya yandi amenyerewe,tuzofasha uwo mugwi ku kintu cose ukeneye gushika Uburundi bugeze muri ya mbono ya 2040-2060 kandi bizoshoboka biciye mu giterwa c'ivoka."
Ubu rero ugushigikira Messager Ngozi ni ugutera ibiti vy'amavoka,uwuzotera ivoka azoba aterereye Messager Ngozi.
Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi
FFB
29/07/2026
: Le Messager Ngozi ihejeje kuronka umufatanyabikorwa mushasha.
Mu nyubakwa za Stade Urukundo, urunani rugizwe n'abarimyi b'igiterwa c'ivoka mu Burundi ruhejeje gushira umukono ku masezerano yo gufashanya n'umugwi Messager Ngozi.
Muri ayo masezerano, bemeranije ko urwo runani ruzotanga uburyo umugwi ukenera, gushira ibirango vy'urunani ku myambaro y'abakinyi n'abakunzi bawo hamwe no gushira ibirango vy'urwo runani ku kibuga Urukundo.
Manirakiza Marc batazira Poshen ari muri urwo runani yamenyesheje ko biyumviriye ico gikorwa co gufashanya na Messager Ngozi kubera uwo mugwi washinzwe na Nyakwigendera Petero Nkurunziza akaba ari nawe yatanguje urwo runani rwabo barimyi,yavuze kandi ko ari mu ntumbero yo gukundisha abenegihugu igiterwa c'ivoka biciye mu nkino.
Ivyo bikorwa bikaba vyari bihagarariwe na Muganga Guillaume Ntawukuriryayo arongoye uwo mugwi ari kumwe nabo bafashanya.
Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi
FFB
29/07/2026
: Le Messager fc Ngozi izokina na Kayanza United FC urukino rwo kwitegurira ihiganwa Primus League Burundi.
Ni urukino ruzobera ku kibuga Urukundo kuwa 2 Myandagaro 2026 isaha icenda (15h00) ,rukazoba ari urukino rwa mbere uwo mugwi w'i Ngozi uzoba ukinye inyuma yo kuzana abakinyi bashasha.
Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi
FFB
29/07/2026
: Sinibagiye David ahejeje gushira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Le Messager fc Ngozi.
David ni umusatirizi ashobora gukina no hagati mu kibuga,yarakinye muri Musongati, arakina muri Burundi Sport Dynamic no mu mugwi New Force na Academy Deira hamwe n'umugwi Bukavu Dawa wo muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi
FFB
25/07/2026
: Kanyenkore Jean Girbert batazira yashengeye.
Yaoundé yaramenyekanye cane muri Vital'o Footbal Club no mu Ntamba mu Rugamba,akaba yari amaze igihe kirekire arwariye mu bitaro Bumerec (Burundi Medical and Research Center) biri mu Kabondo i Bujumbura.
Akaba ashengeye ku myaka 74.
Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi
FFB
25/07/2026
: Uku niko imigwi yatsindanye ku bibuga bitandukanye muri za nkino za .
Stade NPPC: Vision F.C 1-0 Kizuka Mandarine
Stade Ingoma: Flambeau du Centre 0-1 Muzinga
Stade Umuco: Olympic Star 1-1 Ngozi City
Stade Intwari: Rukinzo Football Club 1-0 Intamba U20
Ejo kuwa 26 Mukakaro 2026 hategekanijwe inkino 2:
Stade Gatwaro 15h: Kayanza United - Inter Star
Stade Ingoma 15h: Musongati Fc - Muzinga Fc
Bavugamenshi Pierre✍️
SatSport.bi
FFB