11/05/2024
Photo du jour 🇧🇮?
Dj Fernando +257Dj Fernando +257😎
Joel_houngton😎
Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from NIVYO, Bujumbura.
11/05/2024
Photo du jour 🇧🇮?
Dj Fernando +257Dj Fernando +257😎
Joel_houngton😎
11/05/2024
NIVYO cane nuyu musi💚💛❤️
💚💛❤️ "G***a", amabara atatu (umuhondo, urwatsi rubisi, iritukura), ubusage, “Babylone” : ku ba "rasta" bisigura iki ? 🤔
🗓️ Kuri uno musi twibuka urupfu rwa Bob Marley , abenshi barambara canke bagashira ku mbuga hwaniro ibiranga ubu "rasta".
Turabire hamwe bimwe bimwe n'insiguro yavyo 👇🏾
🌿 “ ***a”
Mu muco wa ki "rasta", urumogi rufatwa nk'ikintu umuntu afata kugira ashobore kuja i bwina mu vyiyumviro vyiwe (méditation). Ntivyemewe kurunwa kugira winezereze gusa 🙅🏾♂️
Mu kwemera kw'abarasta, “urumogi ni icatsi ceranda caremwe n'Imana, kukibuza ni igikorwa ca Babylone” 🙊
😏 “ ”
Turakunze kwumva aba "rasta" bavuga ngo naka n'umu “Babylone”.
📌 Babylone cari igisagara gikomeye cane muri kahise, cari muri Irak y'ubu. Umwami waho yaratwaye nk'imbohe Abanyizirayeri muri ico gisagara.
Aba "rastas" bafitaniye ubucuti mu kwemera n'abanyizirayeri bafashe “Babylone” nk'ishusho y'akarenganyo, imico mibi n'inambu y'ivy'isi 😔
🟡🟢🔴
🌍 Aho bari mu bihugu bitandukanye, abatanguje umuco wa ki "rasta" babona ko “bazosubira muri Afrika, mu gihugu c'isezerano, aho baje banyazwe n'abadandaza abantu babajana kubakoresha mu mirima ku mugabane wa Amerika”. Igihugu bavuga yari , aho n'umwami waho Hailé , Ras Tafari Makonnen :
🟢 Ibara ry'icatsi kibisi risigura ahantu hatotahaye, umwimbu ari umusesekara
🟡 Ibara ry'umuhondo risigura ubutunzi (risanishwa n'inzahabu) ry'ico gihugu c'isezerano ;
🔴 Ibara ritukura ryerekana amaraso y'abirabure yasesetse bajanwa nk'imbohe ku mugabane wa .
👩🏾🦱
Aba “rasta” bafata ubusage nko gukurikiza umugenzo uri muri Bibiriya mu gitabu c'Abarewi igice ca 21, ku murongo wa 5 📖
🦁 Ubusage bwerekana kandi ishaka ryo kugira ubutwari n'inguvu nk'intare. Ubusage bwakuze cane bumera nk'umugara w'ico gikoko .
10/05/2024
10/05/2024
😔Birababaje ariko
🚨🚨 Birangiye DJ Fernando ariwe agiye mububirigi ✈️🇧🇪 , Melanin Bwoy arasigara kubera kwimwa 🤷🏽♂️👇🏽
Birababaje kubona muri 2024 hari umuririmvyi w'umurundi agisiba igiteramo i Bulaya kubera ibibazo ca VISA .
Melanin bwoy yagize ati :
" Nashaka kumenyesha abakunzi banje ko ntashoboye kuboneka muri iki giteramo kizobera muri bubirigi kumvo zitanvuyeko nongera nsaba abakunzi Bose bu murwi bari muri Europe kuhashika mu mwereke urukundo my teammate Dj Fernando +257 "
===================================
Iki giteramo kizoba kuruyu wagatandatu ( igenekerezo rya 11 Rusama 2024 ) 👇🏽
10/05/2024
Erega
Bujumbura : “ibisasu vyaturitse mu gisagara hagati” - intahe
💬 “Nariko ndaja ku kazi nkora ku mugoroba, ni ho twumva ibintu biturika bibiri, tugwa igihumura."
Ivyo bivugwa n'umu “jeune” twaganiriye atumenyesha ko ariho yari agishika mu gisagara hagati, neza na neza avuye muri karitiye yo hagati mu gisagara, agiye ku kazi asanzwe akora mw’ijoro.
Yongeyeko ati : "Ncururuka "bus" ya mbere ngiye gufata iya kabiri, inyuma y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, niho haturika "grenades" zibiri. Twe n’abo twari kumwe mw’ibarabara rimwe (amaja kuri Plaza) tugwa igihumura.
Bigiturika twabonye abantu bashwiragira, umwe wese afata inzira yiwe.”
📍Mwomenya ko mu gisagara ca Bujumbura, umutekano waciye ugwizwa cane. Abapolisi bashwiragije abantu, kuri Bata, mu bindi bibanza bihegereye no ku ma "bus" aja mu bumanuko bw'igisagara, Nk'uko uwavyiboneye abivuga
Mu bice bimwe
bimwe duhejeje gucamwo, nk’ibanki nkuru y’igihugu, hagwijwe abajejwe umutekano.
❌Gushika ubu, nta tangazo ry’igiporisi canke urundi rwego rwa Reta ruramenyesha ivyabaye mu gisagara canke ivyononekaye.
02/04/2023
Drama-T arakwije uwundi muriyoni (1M views) kuri ya ndirimbo nshasha yitwa I TAMPORIZE.
Tubamenyeshe kandi ko ariwe muririmvyi wambere afise indirimbo yambere imaze kurabwa cane kurusha izindi ngaha mu Burundi ariyo . Kimwe gusa niwe afise indirimbo nyinshi zimaze gukwiza umuriyoni.
02/04/2023
Nku ncuro yambere: umwigeme w'umutwakazi vyamaze kugaragarako yamaze kwiyandikisha mwihiganwa Miss Burundi 2023👊
👉 Kuva iryo higanwa ritanguye mu ntihigeze haboneka aryitabira ku rwego rw'igihugu, uyu mwaka rero uwo mwigeme w'umutwakazi avuka mu ntara ya kirundo agira ati: "Turiho kandi turaciye ubwenge, dufise ubwiza n'imigambi myiza turayifise mbere turagomba gahiganwa n'abandi tunatsinde ihiganwa "
👉Impande y'ivyo uwo mwigeme avuga ko naryo ryamaze kumwemerera kumufasha mu kwitegura neza kugira ihiganwa rya rizotangure yiteguye bihagije.
👉Tubibutseko uwo mwigeme w'umutwakazi ariko yiga mu mwaka wa mbere mu gisata ca kuri kaminuza yitwa iri mu gisagara ca .
Erega
02/04/2023
😂Hari abumva urupfu bakayuba nagwo uno mwana akiri muto aba muri COMINE MUHA ZONE KANYOSHA Aho hari le 1/4/2023 yari itariki beshi bakunze kuvugako ariyo guhendana aca abona ko akoze bino vyogukina koya pfuye kariho yoba abeshe abantu.ariko ntiyibaze kariko yihohera bibi cane
✍️mana garukina urwaruka rwakino gihe nukuri kuko batazi ivyo bakora
02/04/2023
Handball: Les joueurs sélectionnés pour l'équipe nationale du Burundi U19 sont prêts pour leur match amical face aux U19 du Rwanda.
Le match à été délocalisé au terrain Tapis rouge de Nyamirambo à 15h.
02/04/2023
Itariki ya mbere ya Ndamukiza, umusi wo kubesha: vyavuye he?
Kuri ino tariki, abantu barakunda gutebura cane n'abo basanzwe bayaga, babana, bakorana eka n'ibinyamakuru bimwe bimwe biratanga udukuru tutari utw'ukuri, ariko batagamije guhuvya ababakurikirana.
Muti none uwo muco wazananye he?
Havugwa vyinshi, gusa ico kumenya ni uko biva mu Buraya bwo mu burengero.
4 Hari abavuga ko vyavuye ku ngingo umwami w'abafaransa Karori w'icenda yafashe mu mwaka w'1564 yo guhindura ikirangamisi citiriwe Jules César (calendrier julien) agashinga ko abo atwara bakoresha ikirangamisi citiriwe papa Geregori (calendrier grégorien); papa Geregori w'13 yari ahejeje gutunganirizwa n'incabwenge zo ku ma kaminuza ya Salamanque (Espagne) na Coimbra (Portugal).
Bivuye kuri iyo ngingo, umwaka wahora utangura itariki 25 z'ukwa gatatu (ku musi mukuru w'iburwa muri Ekreziya Katorika, amezi icenda imbere ya Noweri) waciye utangura itariki imwe. Aho ni mu gihe abantu bahana utuganuke indwi yose gushika itariki imwe y'ukwa kane.
Hari abatashimye iyo ngingo, baca baza baratebura hagati yabo, baguma bahana utuganuke, akenshi tw'ugufyina, bigira nk'abatamenye iyo ngingo.
lyo tariki kandi, mu bihugu bihurira ku mico imwe imwe n'Abafaransa, bawita "poisson d'avril". Hari abavuga ko mu kwezi kwa Ndamukiza vyari bibujijwe kuroba, kuko ari igihe amafi arondokeramwo. Baca baza baraha abantu ibishusho vy'amafi, basa n'abagomba kubaremesha muri ico gihe ata waronka akaboga. Hakaba hari rero abashira inkomoko y'umusi twita "uwo kubesha" mu Burundi.
Mu bihugu vyatoranye imico y'Abongereza nabo, bawuhimbaza witwa "April's Fool Day",
lyo tariki kandi, mu bihugu bihurira ku mico imwe imwe n'Abafaransa, bawita "poisson d'avril". Hari abavuga ko mu kwezi kwa Ndamukiza vyari bibujijwe kuroba, kuko ari igihe amafi arondokeramwo. Baca baza baraha abantu ibishusho vy'amafi, basa n'abagomba kubaremesha muri ico gihe ata waronka akaboga. Hakaba hari rero abashira inkomoko y'umusi twita "uwo kubesha" mu Burundi.
Mu bihugu vyatoranye imico y'Abongereza nabo, bawuhimbaza witwa "April's Fool Day", muri Écosse ho bamara imisi ibiri batebura cane
Abatoranye imico y'aba nya Espagne nabo, canecane ibihugu vyo muri America y'epfo, bakaba bawuhimbaza itariki ya 28 Kigarama
Hari izindi nkomoko z'uwo musi nawe woba u*i wodusangiza (utatubeshe)? Hari umuntu yakubeshe kuri iyi tariki utazopfa wibagiye?
Tubwiree muri commentaire