27/08/2026
🚨💣 BREAKING: BRADLEY BARCOLA ARIKO AREGEREZA GUSINYA MURI LIVERPOOL! 🔴
Ivya Bradley Barcola na Liverpool bigeze kure cane, kandi igikorwa ubu kiriko kirinjira mu masaha ya nyuma. 🇫🇷🔴
Nk'uko Ben Jacobs umu journaliste abimenyesha, impande zose zamaze guhuriza ku masezerano mw'ijoro ryakeye.
Liverpool izotanga amafaranga arenga gatoyi £100 miliyoni, hongerweko £20 miliyoni zishobora kuboneka bivanye n'uko ibintu bizogenda.
💰 Muri rusangi: hafi £120 miliyoni
Haracari ibintu bimwe bimwe bisifaye kugira deal ihere yose ariko kimwe coco bigeze kure. PSG yari yabanje gusaba hafi £145 miliyoni, ariko Liverpool yashoboye kugabanya ayo mafaranga cane.
🤝 Barcola ubwiwe na Liverpool bamaze kwumvikana ku masezerano yiwe. Ubu asigaje gusa kuronka uruhusha rwo gusozera ku mugaragaro urugendo rwiwe rwo muri PSG.
Amakuru avuga ko ibiganiro vya nyuma bitegekanijwe kubera i Monaco, aho Nasser Al-Khelaifi na Luis Campos bari mugutora imirwi izokina Champions League.
🔥 PSG izoba ironse inyungu idasanzwe. Yaguze Barcola kuri €45 miliyoni, ubu ikaba iri hafi kumugurisha ku mafaranga arenga cane ayo yamuguze.
Barcola muri Liverpool? “HERE WE GO” mukanya 👀🔴
📌 Inkomoko: Ben Jacobs