STJO Burundi

STJO Burundi

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from STJO Burundi, KARAMA, Bujumbura.

Photos from STJO Burundi's post 09/02/2025

🔴STJO:Abakenyezi n'abigeme bashika 13 nibo barungitswe mu bihugu vya barabu gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere.

📍Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 9 RUHUHUMA ikigo carungitse abakenyezi n'abigeme bashika 13 mu bihugu vya barabu kwironderera ubuzima mu ntumbero yo kwiteza imbere.

🎙️Nkuko tubishikirizwa n'umuyobozi Mukuru w'ico kigo amenyesha ko ico kigo gifasha abakenyezi n'abigeme kubaronderera ubuzi mu bihugu vya barabu mu ntumbero yo gukangurira abakenyezi n'abigeme gukora ibikorwa vy'ukwiteza imbere n'uguteza imbere imiryango yabo ndetse bakibikora mu ntumbero yo gushigikira imbonakazoza y'Uburundi kuko n'abakenyezi nabo batosigara inyuma mw'iterambere.

Yamenyesheje kandi ko babategura bakiri mu kigo ndetse bakanabakurikirana iyo bash*tse kubuzi iyo bakorera bakanagenzura yuko abo bafashije kuronka ubuzi bariko bitunganiriza imigambi y'iterambere mu mishahara baronka bari kubuzi.
Yarangije amenyesha ko ariyo ntumbero bafise yukwama bafasha abakenyezi n'abigeme kandi ko uwuvyipfuza wese yo kwitura ico kigo kiri aho bita i , Komine ISARE, Intara ya Bujumbura ugeze aho bita ku canke agahamagara kuri +25768281212

Photos from STJO Burundi's post 24/12/2024

🔴Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 24/12/2024 Ishirahamwe Seekers Training for International Job Opportunities" risanzwe rifasha kuronderera akazi abigeme n'abakenyezi mu gihugu ca , ryarungitse abakozi muri ico gihugu bashika kwi 10.

🎙️ asanzwe arongoye iryo shirahamwe, yamenyesheje ko babikora mu ntumbero yogushigikira abakenyezi n'abigeme mu kwiyungunyanya,bakaja kurondera uburyo kugira biteze imbere bongere bateze imbere imiryango yabo ndetse akaba ari no muri ya ntumbero yogushigikira imbonakazoza y'igihugu c'Uburundi y'Uburundi bwifashe 2040, Uburundi buteye imbere 2060. Akaba yabasezeye abipfuriza kuzohimbarizayo imisi mikuru myiza irangiza umwaka.

Photos from STJO Burundi's post 24/11/2024

🔴🔴 Burundi:Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 24/11/2024 Ishirahamwe "Seekers Training for International Job Opportunities" risanzwe rifasha kuronderera akazi abigeme n'abakenyezi mu gihugu ca , ryarungitse abakozi muri ico gihugu bashika kw'19.

🎙️ asanzwe arongoye iryo shirahamwe, yamenyesheje ko babikora mu ntumbero yogushigikira abakenyezi n'abigeme mu kwiyungunyanya,bakaja kurondera uburyo kugira biteze imbere bongere bateze imbere imiryango yabo ndetse akaba ari no muri ya ntumbero yogushigikira imbonakazoza y'igihugu c'Uburundi y'Uburundi bwifashe 2040, Uburundi buteye imbere 2060.

26/10/2024

🔴🔴 Burundi: Twarungitse abigeme n'abakenyezi mu gihugu ca kwironderera ubuzima.

📌Kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 26/10/2024 Ishirahamwe "Seekers Training for International Job Opportunities" risanzwe rifasha kuronderera akazi abigeme n'abakenyezi mu gihugu ca , ryarungitse abakozi muri ico gihugu bashika k'7

🎙️ asanzwe arongoye iryo shirahamwe, yamenyesheje ko babikora mu ntumbero yogushigikira abakenyezi n'abigeme mu kwiyungunyanya,bakaja kurondera uburyo kugira biteze imbere bongere bateze imbere imiryango yabo ndetse akaba ari no muri ya ntumbero yogushigikira imbonakazoza y'igihugu c'Uburundi y'Uburundi bwifashe 2040, Uburundi buteye imbere 2060. Yabahanuye kandi kuzokoresha neza amafranga bazokorera .

12/10/2024

🔴 Burundi: Kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 12/10/2024 IshirahamweSTJO Burundi "Seekers Training for International Job Opportunities" risanzwe rifasha kuronderera akazi abigeme n'abakenyezi mu makungu, ryararungitse abakozi bashika kuri 5 mu gihugu ca .

Tubibutse ko, amahera abo bakozi bahembwa , aheza akabafasha mu kurangura ibikorwa vy'iterambere mu gihugu c'amavukiro, bikazifasha gushikira imbonakazoza y'uburundi vyoroshe.

✨✨✨✨✨✨✨✨✨✨✨✨✨

Photos from STJO Burundi's post 02/09/2024

🔴🔴 Burundi: Twaraye turungitse abandi bigeme n'abakenyezi mu gihugu ca kwironderera ubuzima.

📌Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 1/09/2024 Ishirahamwe STIJO "Seekers Training for International Job Opportunities" risanzwe rifasha kuronderera akazi abigeme n'abakenyezi mu gihugu ca , ryararungitse abakozi muri ico gihugu bashika cumi na batatu(13).

Me_MURERWA_Solange asanzwe arongoye iryo shirahamwe, yamenyesheje ko babikora mu ntumbero yogushigikira abakenyezi n'abigeme mu kwiyungunyanya,bakaja kurondera uburyo kugira biteze imbere bongere bateze imbere imiryango yabo ndetse akaba ari no muri ya ntumbero yogushigikira imbonakazoza ya Nyenicubahiro umukuru w'igihugu c'Uburundi y'Uburundi bwifashe 2040, Uburundi buteye imbere 2060, umunwa wose uronke ico ufungura n'umupfuko wose uronke amafranga. Yabahanuye kandi kuzokoresha neza amafranga bazokorera no kuguma bubatse neza ingo zabo.

10/06/2024

ABARIKO BAKURIKIRANA INYIGISHO MU KIGO , BARASHIMA KU BUMENYI BAMAZE GUKURA AHO HANTU.

09/06/2024

Umuyobozi mukuru w'ikigo STIJO, aratanga umuco kubantu bipfuza kwitura ico kigo kugirango kibafashe kuja gukorera amahera mu gihugu ca Arabiya.

Photos from STJO Burundi's post 06/06/2024

Bujumbura :Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 6Ruheshi2024,uwurongoye imbere y'amategeko ikigo cihaye ihangiro ryo guteza imbere umukenyezi biciye mu kamo ka Nyenicubahiro umukuru w'igihugu c'Uburundi , Uno munsi yari yagendeye abanyeshure bariko bariga muri ico kigo muntumbero yo kubatera intege nokuraba aho bagejeje ivyigwa nokubabwira ibisabwa kugira bashobore kuja gukorera mugihugu c'abarabu.

_Murerwa arongoye yamenyesheje ko bamaze kurungika abakenyezi 35 bakaba bazorungika abandi 26 mu kwezi kuza, abariko bariga n'abo bakaba barenga 100.

"Kuja gukorera mubihugu vy'abarabu s'ukuja gutembera Ahubwo nukuja gukora.
Ati ntibasubire kubabesha muri ntamahera bakaba ibisabwa kuba ufise munsi yimyaka mirongo ine,ata césarienne wagiyeko,Kuba ufise impapuro bakuye kwa muganga zemeza ko batagwaye SIDA,igituntu,epatite nizindi ngwara zotuma badakora akazi neza.
Agahanura abo banyeshure ko mugihe bash*tseyo bokwitwara neza ngo kuko nomugihe baba bash*tseyo baguma babakurikirana Ku munsi Ku munsi.

Agatera akamo yiyamiriza abiyitirira baka amahera abantu ngo kuko muri STIJO babakira k'ubuntu,ndetse bakiga K'ubuntu hageze ko bagenda akaba ari STIJO ibarihira itike y'indege.

Nadia ariko akurikirana ivyigwa muri ico kigo akaba ashima cane ukuntu ico kigo kibaha inyigisho k'ubuntu mu gihe ahandi bazitangira amahera.

Contact : 68 96 77 29
🎊🎊🎊🎊🎊🎊🎊🎊🎊

Photos from STJO Burundi's post 20/05/2024

🔴 Burundi : " Twarungitse abandi bigeme bipfuza guca amahera mu gihugu ca Arabiya 🇸🇦."

✈️Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Rusama, 2024, Ikigo cihaye intumbero yo gufasha Abakenyezi n'abigeme bipfuza gukora mu gihugu c'abarabu , carungitse abandi bigeme muri ico gihugu.

🛬 arongoye ico kigo imbere y'amategeko, ahamagarira uwo wese yipfuza kuja canke kurungika uwiwe muri ico gihugu kwitura ico kigo, ngo kuko haba kwiyandikisha , ibijanye no kwa muganga ndetse n'itike y'indege., vyose ni kubuntu.
Kubera ko hariho abantu bashaka kwibwa, , asaba uwo wese yipfuza kugira ico baza kwishikira ku cicaro ca , canke akakura kuri 68 96 77 29.

Photos from STJO Burundi's post 05/05/2024

🔴🇧🇮Burundi: Kuncuro igira gatanu , twarungitse abigeme n'abakenyezi bagera kuri 10 guca akanoti mu gihugu ca .

🔴Kuri uyu Kane igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2024, ishirahamwe ryaramutse rirungika hanze mu gihugu ca abigeme n'abakenyezi 10 bagiye gukora akazi "kobafasha kwibeshaho, kubeshaho umuryango, ndetse n'igihugu kikaharonkera akarusho."

aserukira imbere y'amategeko iryo shirahamwe, avugako kuva batanguye ico gikorwa bamaze kurungika abakozi, barenga 30 Kandi ko bafise amashiramwe hanze bakorana yakira abo bakozi baba bavuye mu Burundi maze akabashira ku kuvi, bidatevye agatako agakurikirana ubuzima bwabo.

Ahamagarira abandi bigeme n'abakenyezi bipfuza kuja kwicira akanoti muri ico gihugu, kwitura ikigo gisanzwe kirangurira ibikorwa vyaco muri , Komine urenganye aho bita ku mashurwe.

Ufise ico ubaza hamagara kuri 68281212 na 68967729 Whatsapp.

Photos from STJO Burundi's post 05/05/2024

Ishirahamwe nk'uko ryavyiyemeje , kuri wa kane igenekerezo rya 04.04.2024, ryasubiye kurungika abandi barundikazi bagera kuri 6 bagiye gukora akazi mu gihugu ca bakaba bakwije igitigiri ca 28 barungitse mu kiringo c'ukwezi kumwe gusa.

Me MURERWA Solange aserukira imbere y'amategeko iryo shirahamwe, aremeza ko uko akazi kazoboneka muri ivyo bihugu ariko iryo shirahamwe rizofasha abishakira kuja guca akanoti mukuborohereza bagashikayo bitabavunye.

Imbere yogufata rutema ikirere yabatekerera impanuro, nabo bakengurukiye cane ishiramwe kuko ryababereye umuvyeyi mwiza.

Ufise ico ubaza, hamagara kuri 68 281 212 na 68 967 729 WhatsApp

Want your business to be the top-listed Gym/sports Facility in Bujumbura?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Website

Address

KARAMA
Bujumbura