burundisport.com

burundisport.com

Share

Amakuru mashasha y'inkino mu Burundi no mu makungu

13/03/2026

🔴🟢 Umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu, SANGWA Patrick Mayani, yashize ahabona urutonde rw’abakinyi azokwifashisha mu nkino zibiri Uburundi buzohura na Tchad muntumbero yo kurondera itike yo kwinjira mu migwi (phase des poules )mu nkino z’igikombe ca CAN 2027 kumagenekerezo ya 26 na 31 Ntwarante 2026. Mubakinyi bakina mu Burundi , hatumweko 6 .
- Abanyegori 2 : NAHIMANA Jonathan - Vision Fc hamwe na HAKIZIMANA - Musongati Fc
- ICOYITUNGIYE Kevin - Aigle Noir Cs
- NZEYIMANA Djuma - Aigle Noir Cs
- NTIBAZONKIZA Saidi - Vital’o Fc
- Cédric Amissi - Inter star

Hari uwoba yibagiwe mubatumweko bose ?
burundisport.com

13/03/2026

🔴🟢 Mu nkino umunani zakinywe , habonetsemwo intsinzi 6 , ukunganya 2 , ibitsindo 32 ku musi ugira 25 w’ihiganwa rikuru rya Primus ligue . Ukunganya kwa AIGLE NOIR CLUB SPORTIF vyatumye usumba amanota 11 umugwi wa Musongati fc uri mu kibanza ca kabiri . Le Messager FC• watsinzwe 1 ku 0 iwabo , bituma uguma uta icizere co kuguma mucicaro ca mbere . Nimu gihe BS Dynamik ubandanya ugwanira kudakoroka , amanota 3 niyo atandukanya iyo migwi ibiri . FC Bumamuru Official vyanse kabisa gusa birasiguritse kuko abakinyi bahamagarwa ku musi w’urukino bamaze indwi zibiri badakorera imyimemenyerezo hamwe , intandaro ya vyose abakinyi kutaronswa agashahara kabo k’amezi abiri baheraniwe , kutaronswa imfungurwa mu gihe bari mumwiherero aho basanzwe bacumbitse , ntuzokora muca kabiri mugabo imbere harirabura mu gihe atacokorwa mumaguru masha. Rukinzo Football Club mumuvuduko udasanzwe wo kurondera ikibanza muri bine vya mbere . Flambeau du centre umuvuduko watanguranye siwo ugifise kuva RUKUNDO Jean de Dieu yirukanywe .
burundisport.com

Photos from burundisport.com's post 18/08/2025

🔴🟢 Ukwezi kwa Nyakanga kuregereje , nyaragasa vuba wigurire umwambaro w’intamba mu rugamba kugiciro kitavuna . Tumbera mu Buyenzi kw’ibarabaraba rya 12 n• 11 , wakure canke wandike kuri :

+257 68 58 11 72
+ 257 67 07 35 28
+ 257 66 98 34 66
AH257
burundisport.com

18/08/2025

🔴🟢 Inkino 8 zakinywe ku musi wa mbere w’ihiganwa rikuru rya Primus ligue zagenze uku gukurikira 👇🏾

Photos from burundisport.com's post 09/08/2025

🔴🟢 Mubirori vy’itombora ry’ukuntu imigwi izohura mu nkino z’ibikombe vya CAF Champions League na CAF Confédération Cup vyabereye mu gihugu ca Tanzania , imigwi ibiri yomu Burundi yameye imigwi izohura nayo .

- Aigle Noir Sc Vs Asas Djibouti Telecom wo muri Djibouti , urenganye uce uhura na Al Ahly . (Champions league )

- Flambeau du Centre Vs Umugwi uzotahukana igikombe muri Lybia , urenganye uce uhura hagati ya Rayon sports na Singida Black stars wo muri Tanzania . (Confédération Cup)
fans
AH257
burundisport.com

Photos from burundisport.com's post 09/08/2025

🔴🟢 Umugwi wa Flambeau du centre niwo watahukanye ´Super Coupe ‘ , igikombe ca mbere gitanguza Umwaka w’inkino wa 2025-2026 imbere yuko ihiganwa rya Primus ligue ritangura . Iminota 90 yarangiye imigwi yompi inganije 2-2 , biherera kuri ´tirs aux buts ‘ .

Aigle Noir Sc 2-2 Flambeau du centre (5-3 tirs )
burundisport.com

07/08/2025

🔴🟢 Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryagenye abagiye gukurikiranira hagufi Umugwi nserukiragihugu w’intamba z’abigeme badashikana imyaka 20 . Uwo mugwi uzokina na Zambia mu nkino zibiri zitegekanywa gukinwa hagati y’amagenekerezo ya 19-21 Nyakanga hamwe na 26-28 Nyakanga 2025 .
AH257
FFB
burundisport.com

Photos from burundisport.com's post 07/08/2025

🔴🟢 Urukino rwa Super Cup 2025 rusiga inzira amavuta ihiganwa rya Primus Ligue ruzohuza Aigle Noir na Flambeau du centre Fc kw’igenekerezo rya 9/8/2025 I Gitega ku kibuga Ingoma , igihe c’isaha icenda (15h).
burundisport.com

Photos from burundisport.com's post 03/08/2025

🔴🟢 Friendly games :

- Aigle Noir Sc 2-0 Vision Fc
- Musongati Fc 0-2 Vital’o Fc.
- Messager Ngozi 1-1 Ngozi city
- Bumamuru Fc 2-2 Inter star.
📷DR
burundisport.com

26/07/2025

🔴🟢 Mu rukino rwa mbere rwo kwitegurira ihiganwa , Umugwi wa Rukinzo Football Club watsinze ibitsindo 5 kuri 1 ca Académie Authentic .
burundisport.com

26/07/2025

🔴🟢 TUYIHIMBAZE Gilbert batazira Bibe yashize umukono kumasezerano yo gukinira umugwi wa AS Muhanga ukina icicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda. Yari mu mugwi wa Bugesera Fc .
burundisport.com

Want your business to be the top-listed Gym/sports Facility in Bujumbura?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Category

Telephone

Address


Bujumbura