𝐀𝐌𝐀𝐓𝐄𝐊𝐀 𝐘𝐀𝐁𝐎

𝐀𝐌𝐀𝐓𝐄𝐊𝐀 𝐘𝐀𝐁𝐎

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from 𝐀𝐌𝐀𝐓𝐄𝐊𝐀 𝐘𝐀𝐁𝐎, Sport & recreation, 𝐊𝐢𝐫𝐮𝐧𝐝𝐨, Kirundo.

04/05/2026

Urugendo rwa Louis Diaz n'impamvu yo kudacika intege 👊

Muri ino si y’umupira w’amaguru ⚽, hari abakinyi benshi batanguye ubu*ima bugoye cane 😔 ariko ntibigeze bacika intege 💪.
Inkuru ya Louis Diaz ni imwe mu zitwigisha ko kwihangana n’ukwizera ushoboye bishobora kugushikana kure cane

Louis Diaz, afise imyaka 18 gusa, ntiyari bwigere asinya contrat y’umwuga.
Ico gihe yarafise 50Kg 😮
Abatoza benshi baramwanka cane, bavuga bati: “uyu mwana ni muto cane, ntashobora gukina umupira w’amaguru” ❌⚽
Ariko ntiyacitse intege 💪
Yagiye mwigeragezwa ryari ririmwo abakinyi 3000 😮, hanyuma aca atogwa na equipe yiwabo yitwa Athetico Junior ⚽

Kubera ubuhanga bwiwe 🔥, iyo équipe yahisemwo gushinga équipe y’abatarenza imyaka 18 kugira bamuteze imbere, naho yari amaze kurenza iyo myaka gato
Yagumye yitwara neza 💪, n’aho bamwe babona ko adakwiye kuja mu batarenza imyaka 20

Inyuma yokwitwara neza cane 🔥, yaciye atorwa mu bazokina Copa America yo muri 2021 ⚽
Aho niho yoyerekaniye cane 😮, kubamwibuka mbere yatsinze igitsindo ciza cane kuri Brésil ⚽, bituma abonwa na FC Porto ica iramusinyisha

Hanyuma ari muri FC Porto ⚽, yagumye yerekana ubuhanga budasanzwe 😮
Mu mahiganwa ya UEFA Champions League ⚽, Fc Porto yahuye na Liverpool
Yarayigoye cane 🔥, aragora cane aba défenseurs bayo, bituma Liverpool imugura

Murikino gihe ari muri équipe ya Bayern Munich kandi numwe mubakinyi bingenzi cane bahetse Bayern Munich mubusatirizi bwayo ninumwe mubakinyi batinyitse mwiki gihe

mbere kubwanje nkigitsindo aheruka gutsinda PSG nikimwe mubitsindo vyiza nabonye namaso yanje muruno mwaka

🗞️ Nagira mbanze ngusabe imbere y’uko ugenda ukore Follow na like na partage kuri iyi page kugira ubandanye ubona ivyegeranyo vy’umupira w’amaguru, n’inkuru zidasanzwe Z'AMATEKA yabakinyi nimigwi 🙌

22/02/2026

😳 Mbega wari u*i ko ama transfert amwe amwe atari uguhindura amakipe gusa… ahubwo ahindura amateka y’umupira w’amaguru burundu?

👉 Hari inkuru imwe idasanzwe irimwo amazina akomeye cane … reka tuyinjiremwo!

𝐑𝐨𝐧𝐚𝐥𝐝𝐢𝐧𝐡𝐨 🇧🇷 𝐂𝐫𝐢𝐬𝐭𝐢𝐚𝐧𝐨 𝐑𝐨𝐧𝐚𝐥𝐝𝐨 🇵🇹 𝐧𝐚 𝐃𝐚𝐯𝐢𝐝 𝐁𝐞𝐜𝐤𝐡𝐚𝐦 🇬🇧 𝐭𝐫𝐚𝐧𝐬𝐟𝐞𝐫𝐭 𝐳𝐮𝐫𝐮𝐡𝐞𝐤𝐞𝐫𝐚𝐧𝐚 𝐳𝐚𝐡𝐢𝐧𝐝𝐮𝐲𝐞 𝐚𝐦𝐚𝐭𝐞𝐤𝐚 𝐲'𝐮𝐦𝐮𝐩𝐢𝐫𝐚.

𝐌𝐮𝐫𝐢 2003 📅 𝐉𝐨𝐚𝐧 𝐋𝐚𝐩𝐨𝐫𝐭𝐚 𝐲𝐚𝐫𝐢𝐤𝐨 𝐚𝐫𝐢𝐲𝐚𝐦𝐚𝐦𝐚𝐳𝐚
𝐤𝐮𝐛𝐚 𝐩𝐫𝐞́𝐬𝐢𝐝𝐞𝐧𝐭 𝐰𝐚 𝐅𝐂 𝐁𝐚𝐫𝐜𝐞𝐥𝐨𝐧𝐚 🔴🔵 𝐚𝐡𝐚𝐧𝐠𝐚𝐧𝐲𝐞 𝐛𝐢𝐤𝐨𝐦𝐞𝐲𝐞 𝐧𝐚 𝐋𝐥𝐮𝐢𝐬 𝐁𝐚𝐬𝐬𝐚𝐭 📞 𝐲𝐚𝐡𝐚𝐛𝐰𝐚 𝐚𝐦𝐚𝐡𝐢𝐠𝐰𝐞 𝐦𝐞𝐬𝐡𝐢 𝐲𝐨𝐠𝐮𝐭𝐬𝐢𝐧𝐝𝐚 𝐦𝐰𝐢𝐜𝐨 𝐠𝐢𝐡𝐞

𝐌𝐮𝐤𝐰𝐢𝐲𝐚𝐦𝐚𝐦𝐚𝐳𝐚 𝐉𝐨𝐚𝐧 𝐋𝐚𝐩𝐨𝐫𝐭𝐚 𝐲𝐚𝐛𝐰𝐢𝐫𝐚 🗣️ 𝐚𝐛𝐢 𝐁𝐚𝐫𝐜𝐞𝐥𝐨𝐧𝐚 🔴🔵 𝐤𝐨 𝐲𝐚𝐦𝐚𝐳𝐞 ✔️ 𝐤𝐰𝐮𝐦𝐯𝐢𝐤𝐚𝐧𝐚 𝐧𝐚 𝐌𝐚𝐧𝐜𝐡𝐞𝐬𝐭𝐞𝐫 𝐔𝐧𝐢𝐭𝐞𝐝 𝐤𝐨 𝐚𝐭𝐬𝐢𝐧𝐳𝐞 ✍️ 𝐚𝐳𝐨𝐜𝐚 𝐚𝐬𝐢𝐧𝐲𝐢𝐬𝐡𝐚 𝐃𝐚𝐯𝐢𝐝 𝐁𝐞𝐜𝐤𝐡𝐚𝐦 𝐲𝐚𝐫𝐢 𝐫𝐮𝐫𝐚𝐧𝐠𝐢𝐫𝐚𝐧𝐰𝐚 𝐦𝐰𝐢𝐜𝐨 𝐠𝐢𝐡𝐞

𝐕𝐲𝐚𝐣𝐞 𝐤𝐮𝐫𝐚𝐧𝐠𝐢𝐫𝐚 𝐉𝐨𝐚𝐧 𝐋𝐚𝐩𝐨𝐫𝐭𝐚 𝐚𝐭𝐨𝐰𝐞 𝐤𝐮𝐛𝐚 𝐩𝐫𝐞́𝐬𝐢𝐝𝐞𝐧𝐭 𝐰𝐚 𝐅𝐂 𝐁𝐚𝐫𝐜𝐞𝐥𝐨𝐧𝐚 🔴🔵 𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐚𝐧𝐚𝐭𝐚𝐧𝐠𝐚 𝐨𝐟𝐟𝐫𝐞 💰 𝐲𝐨𝐤𝐮𝐠𝐮𝐫𝐚 ➡️ 𝐃𝐚𝐯𝐢𝐝 𝐁𝐞𝐜𝐤𝐡𝐚𝐦

𝐌𝐚𝐧𝐜𝐡𝐞𝐬𝐭𝐞𝐫 𝐔𝐧𝐢𝐭𝐞𝐝 𝐚𝐦𝐚𝐟𝐚𝐫𝐚𝐧𝐠𝐚 𝐢𝐫𝐚𝐧𝐚𝐲𝐞𝐦𝐞𝐫𝐚 𝐚𝐫𝐢𝐤𝐨 𝐮𝐦𝐮𝐤𝐢𝐧𝐲𝐢 👤 𝐚𝐫𝐚𝐫𝐚𝐡𝐢𝐫𝐚 ❌ 𝐚𝐫𝐚𝐫𝐞𝐧𝐠𝐰𝐚 𝐤𝐨 𝐲𝐢𝐲𝐮𝐦𝐯𝐚 𝐤𝐨 𝐚𝐭𝐚𝐲𝐢𝐧𝐝𝐢 𝐞́𝐪𝐮𝐢𝐩𝐞 𝐲𝐨𝐤𝐢𝐧𝐢𝐫𝐚 𝐮𝐫𝐞𝐭𝐬𝐞 𝐑𝐞𝐚𝐥 𝐌𝐚𝐝𝐫𝐢𝐝!

𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐯𝐲𝐚𝐫𝐚𝐧𝐠𝐢𝐲𝐞 𝐑𝐞𝐚𝐥 𝐌𝐚𝐝𝐫𝐢𝐝 𝐢𝐦𝐮𝐬𝐢𝐧𝐲𝐢𝐬𝐡𝐢𝐣𝐞 ✍️
𝐉𝐨𝐚𝐧 𝐋𝐚𝐩𝐨𝐫𝐭𝐚 𝐚𝐫𝐢𝐫𝐢𝐦𝐛𝐚 😠 𝐮𝐫𝐰𝐚𝐛𝐨𝐧𝐲𝐞 𝐲𝐚𝐜𝐢𝐲𝐞 𝐚𝐡𝐢𝐧𝐝𝐮𝐤𝐢𝐳𝐚 𝐚𝐦𝐚𝐬𝐨 𝐲𝐨𝐬𝐞 👀 𝐢 𝐏𝐚𝐫𝐢𝐬 🇫🇷

𝐌𝐚𝐧𝐜𝐡𝐞𝐬𝐭𝐞𝐫 𝐔𝐧𝐢𝐭𝐞𝐝 🔴 𝐲𝐚𝐫𝐢𝐡𝐞𝐣𝐞𝐣𝐞 𝐠𝐮𝐭𝐚𝐤𝐚𝐳𝐚 𝐃𝐚𝐯𝐢𝐝 𝐁𝐞𝐜𝐤𝐡𝐚𝐦 𝐲𝐚𝐫𝐢 ✔️ 𝐲𝐚𝐦𝐚𝐳𝐞 𝐤𝐰𝐮𝐦𝐯𝐢𝐤𝐚𝐦𝐚 𝐧𝐚 𝐑𝐨𝐧𝐚𝐥𝐝𝐢𝐧𝐡𝐨 𝐤𝐰𝐚𝐳𝐨𝐳𝐚 𝐠𝐮𝐬𝐮𝐛𝐢𝐫𝐢𝐫𝐚 𝐃𝐚𝐯𝐢𝐝 𝐁𝐞𝐜𝐤𝐚𝐦 𝐡𝐚𝐬𝐢𝐠𝐚𝐲𝐞 𝐮𝐭𝐮𝐧𝐭𝐮 𝐝𝐮𝐤𝐞 𝐜𝐚𝐧𝐞 .

𝐆𝐮𝐬𝐚 𝐁𝐚𝐫𝐜𝐞𝐥𝐨𝐧𝐚 𝐲𝐢𝐧𝐣𝐢𝐲𝐞 𝐦𝐰𝐢𝐲𝐨 𝐝𝐢𝐫𝐢 𝐧𝐮𝐦𝐮𝐣𝐢𝐧𝐲𝐚 𝐦𝐰𝐢𝐬𝐡𝐢 𝐜𝐚𝐧𝐞 𝐤𝐮𝐛𝐰𝐨 𝐤𝐮𝐛𝐮𝐫𝐚 𝐃𝐚𝐯𝐢𝐝 𝐁𝐞𝐜𝐤𝐡𝐚𝐦 𝐛𝐚𝐬𝐡𝐢𝐳𝐞𝐦𝐰𝐨 𝐢𝐦𝐛𝐚𝐫𝐚𝐠𝐚 𝐳𝐨𝐬𝐞 𝐛𝐢𝐫𝐚𝐧𝐠𝐢𝐫𝐚 𝐛𝐚𝐦𝐮𝐭𝐰𝐚𝐲𝐞

𝐢𝐜𝐚𝐫𝐢 𝐤𝐢𝐛𝐚𝐛𝐚𝐣𝐞 𝐡𝐚𝐛𝐮𝐫𝐚 𝐚𝐦𝐚𝐬𝐚𝐡𝐚 𝐚𝐭𝐚𝐧𝐚𝐬𝐡𝐢𝐤𝐚 48 ⏱️ 𝐤𝐮𝐠𝐢𝐫𝐚 𝐑𝐨𝐧𝐚𝐥𝐝𝐢𝐧𝐡𝐨 𝐚𝐬𝐢𝐧𝐲𝐢𝐫𝐞 ✍️ 𝐌𝐚𝐧𝐜𝐡𝐞𝐬𝐭𝐞𝐫 𝐔𝐧𝐢𝐭𝐞𝐝

𝐌𝐮𝐠𝐢𝐡𝐞 𝐌𝐚𝐧𝐜𝐡𝐞𝐬𝐭𝐞𝐫 𝐔𝐧𝐢𝐭𝐞𝐝 🔴 𝐲𝐚𝐫𝐢 𝐲𝐢𝐣𝐢𝐫𝐢𝐰𝐞 𝐤𝐮𝐛𝐰𝐨 𝐠𝐮𝐭𝐚𝐤𝐚𝐳𝐚 𝐃𝐚𝐯𝐢𝐝 𝐁𝐞𝐜𝐤𝐡𝐚𝐦 𝐛𝐚𝐠𝐚𝐜𝐚 𝐛𝐚𝐧𝐚𝐛𝐮𝐫𝐚 𝐑𝐨𝐧𝐚𝐥𝐝𝐢𝐧𝐡𝐨 𝐲𝐚𝐫𝐚𝐣𝐞 𝐤𝐮𝐦𝐮𝐬𝐮𝐛𝐢𝐫𝐢𝐫𝐚,
𝐍𝐢𝐡𝐨 𝐛𝐚𝐠𝐢𝐲𝐞 𝐠𝐮𝐤𝐢𝐧𝐚
𝐮𝐫𝐮𝐤𝐢𝐧𝐨 ⚽ 𝐫𝐰𝐚𝐠𝐢𝐜𝐮𝐭𝐢 𝐡𝐚𝐦𝐰𝐞 𝐧𝐚 𝐞́𝐪𝐮𝐢𝐩𝐞 𝐲𝐚 𝐒𝐩𝐨𝐫𝐭𝐢𝐧𝐠 𝐋𝐢𝐬𝐛𝐨𝐧𝐧𝐞 🇵🇹

𝐌𝐮𝐫𝐮𝐠𝐰𝐨 𝐫𝐮𝐤𝐢𝐧𝐨 𝐧𝐢𝐡𝐨 𝐛𝐚𝐛𝐨𝐧𝐲𝐞𝐦𝐰𝐨 👀 𝐢𝐠𝐢𝐩𝐞𝐭𝐢 💎 𝐜𝐢𝐦𝐲𝐚𝐤𝐚 18 𝐜𝐢𝐭𝐰𝐚

➡️ 𝐂𝐫𝐢𝐬𝐭𝐢𝐚𝐧𝐨 𝐑𝐨𝐧𝐚𝐥𝐝𝐨 🐐
𝐤𝐢𝐫𝐚𝐛𝐢𝐫𝐮𝐤𝐚𝐧𝐤𝐚𝐧𝐚 ⚡ 𝐤𝐢𝐫𝐚𝐛𝐚𝐜𝐞𝐧𝐠𝐚 𝐤𝐢𝐫𝐚𝐛𝐚𝐭𝐬𝐢𝐧𝐝𝐚 𝐠𝐢𝐬𝐞𝐯𝐲𝐚 𝐚𝐛𝐚𝐧𝐭𝐮 𝐛𝐚𝐛𝐚𝐠𝐚𝐛𝐨 😲 𝐛𝐚𝐫𝐢 𝐛𝐚𝐫𝐚𝐧𝐝𝐢𝐭𝐬𝐞 𝐚𝐦𝐚𝐳𝐢𝐧𝐚 𝐤𝐰𝐚𝐫𝐢 𝐚𝐛𝐚 𝐝𝐞𝐟𝐞𝐧𝐬𝐞𝐮𝐫 𝐛𝐞𝐳𝐚 𝐦𝐮𝐫𝐢 𝐏𝐫𝐞𝐦𝐢𝐞𝐫

𝐈𝐧𝐲𝐮𝐦𝐚 𝐲'𝐮𝐫𝐮𝐤𝐢𝐧𝐨 ⚽ 𝐚𝐛𝐚𝐤𝐢𝐧𝐲𝐢 𝐛𝐚𝐤𝐮𝐫𝐮 𝐦𝐮𝐫𝐢 𝐌𝐚𝐧𝐜𝐡𝐞𝐬𝐭𝐞𝐫 𝐔𝐧𝐢𝐭𝐞𝐝 🔴 𝐧𝐢𝐛𝐨 𝐛𝐞𝐠𝐞𝐫𝐞𝐲𝐞 𝐒𝐢𝐫 𝐀𝐥𝐞𝐱 𝐅𝐞𝐫𝐠𝐮𝐬𝐨𝐧 𝐛𝐚𝐦𝐮𝐛𝐰𝐢𝐫 🗣️ 𝐚𝐭𝐢:
𝐮𝐲𝐮 𝐦𝐰𝐚𝐧𝐚 𝐯𝐲𝐚𝐧𝐤𝐞 𝐛𝐢𝐤𝐮𝐧𝐝𝐞 𝐭𝐮𝐦𝐮𝐛𝐨𝐧𝐞 𝐚𝐣𝐞 𝐦𝐮𝐫𝐢 𝐞́𝐪𝐮𝐢𝐩𝐞 𝐲𝐚𝐜𝐮 𝐚𝐝𝐮𝐤𝐢𝐧𝐢𝐫𝐞 𝐜𝐚𝐧𝐤𝐞 𝐮𝐳𝐢𝐜𝐮𝐳𝐞 𝐤𝐮𝐛𝐚 𝐮𝐭𝐚𝐠𝐮𝐳𝐞 𝐢𝐲𝐢 𝐦𝐩𝐚𝐧𝐨.

𝐯𝐲𝐚𝐫𝐚𝐧𝐠𝐢𝐲𝐞 𝐌𝐚𝐧𝐜𝐡𝐞𝐬𝐭𝐞𝐫 𝐔𝐧𝐢𝐭𝐞𝐝 𝐢𝐦𝐮𝐠𝐮𝐳𝐞.

𝐈𝐯𝐲𝐚𝐤𝐮𝐫𝐢𝐤𝐢𝐲𝐞 𝐦𝐰𝐢𝐜𝐨 𝐠𝐢𝐡𝐞 𝐧'𝐚𝐦𝐚𝐭𝐞𝐤𝐚 📖 𝐭𝐰𝐞𝐬𝐞 𝐭𝐮𝐫𝐚𝐲𝐚𝐳𝐢! ✨

𝐒𝐚𝐬𝐚 𝐫𝐞𝐫𝐨 𝐚𝐤𝐚𝐛𝐚𝐳𝐨 ❓😏:
𝐀𝐫𝐢 🤔 𝐑𝐞𝐚𝐥 𝐌𝐚𝐝𝐫𝐢𝐝 ⚪ 𝐲𝐚𝐭𝐰𝐚𝐲𝐞 𝐃𝐚𝐯𝐢𝐝 𝐁𝐞𝐜𝐤𝐡𝐚𝐦 𝐧𝐚 𝐁𝐚𝐫𝐜𝐞𝐥𝐨𝐧𝐚 🔴🔵 𝐲𝐚𝐭𝐰𝐚𝐲𝐞 𝐑𝐨𝐧𝐚𝐥𝐝𝐢𝐧𝐡𝐨 🇧🇷 𝐡𝐚𝐦𝐰𝐞 𝐧𝐚 𝐌𝐚𝐧𝐜𝐡𝐞𝐬𝐭𝐞𝐫 𝐔𝐧𝐢𝐭𝐞𝐝 🔴 𝐲𝐚𝐭𝐰𝐚𝐲𝐞 🐐 𝐂𝐫𝐢𝐬𝐭𝐢𝐚𝐧𝐨 𝐑𝐨𝐧𝐚𝐥𝐝𝐨 🇵🇹

𝐧𝐢𝐲𝐢𝐡𝐞 𝐞́𝐪𝐮𝐢𝐩𝐞 𝐲𝐚𝐠𝐮𝐳𝐞 𝐧𝐞𝐳𝐚 ✔️ 𝐠𝐮𝐬𝐮𝐦𝐛𝐚 𝐢𝐳𝐢𝐧𝐝𝐢?

🗞️ Nagira mbanze ngusabe imbere y’uko ugenda ukore Follow na like na partage kuri iyi page kugira ubandanye ubona ivyegeranyo vy’umupira w’amaguru, n’inkuru zidasanzwe Z'AMATEKA yabakinyi nimigwi 🙌

07/11/2025

⚽ PHIL FODEN YAGARUTSE! 💙🎖️

Mu rukino rwabaye ku wa Gatatu, Phil Foden yerekanye ubuhanga budasanzwe mu gutsinda Borussia Dortmund 4–1, maze ahabwa agashimwe ka UEFA Champions League Player of the Week! 🚨

🎯 Ibintu vyamugize indyamunyu:
- Yatsinze ibitsindo bibiri vyiza cane, vyose avuye inyuma y’urubuga rw’igitego.
- Yatanze assist imwe y’ingenzi.
- Yarangije umukino afise 92% y’imipira yatanze neza.
- Yaremye
ama-chance ane yo gutsinda mu minota 87 yakinye.

🎙️ Umumenyereza Pep Guardiola yavuze ati: “Phil is back.” Kandi koko, Foden yagarutse mu buryo butangaje, yerekana ko ashobora kuba umwe mu bakinyi b’ingenzi b’Ubwongereza muri Champions League.

🔍 Uko yagiye yinjira hagati y’abakinyi ba Dortmund, akabaca mu rihumye, vyerekanye ko atari gusa umukinyi w’ibitsindo, ariko ko afise ubuhanga bwo gusoma umukino no gukoresha neza umwanya n’ahantu.

🎉 Ubu Manchester City iri mu kibanza ca kane mu matsinda, kandi Foden ni umwe mu bayifasha kwiyegereza amahirwe yo kuja mu gice ca 1/8.

🗞️ Nagira mbanze ngusabe imbere y’uko ugenda ukore Follow kuri iyi page kugira ubandanye ubona amakuru y’inkino agezweho, ivyegeranyo vy’umupira w’amaguru, n’inkuru zidasanzwe Z'AMATEKA yabakinyi nimigwi 🙌

Photos from 𝐀𝐌𝐀𝐓𝐄𝐊𝐀 𝐘𝐀𝐁𝐎's post 05/11/2025

📰 UEFA Champions League: Inkuru y’inkino zaraye zibaye

🧭
Kuri uyu wa kabiri, UEFA Champions League yaragarukanye umudereva w’inkino zidasanzwe. Amakipe akomeye y’i Buraya yaraye yerekanye ubuhinga bwinshi, harimwo ibitsindo vy’akarorero, amakarata atukura, n’ivyiyumviro vy’abafana vyatunguye benshi. Reka turabire hamwe ivyaranze uwo mugoroba w’inkino.

⚽ Inkuru nyamukuru:

🔴 Liverpool vs Real Madrid Anfield
- Liverpool yaraye itsinze Real Madrid igitsindo 1-0 ku kibuga ca Anfield, kikaba ari incuro ya kabiri ikurikirana Real Madrid itsindwa kuri ico kibuga.
- Alexis Mac Allister niwe yatsinze igitsindo ca Liverpool, akaba amaze gutsindira Liverpool ibitsindo 3 muri Champions League, murivyo 2 yabitsinze Real Madrid.
- Trent Alexander-Arnold, umukinyi wa Real Madrid, yagarutse kuri Anfield aho yakiniye inkino zirenga 300 na Liverpool. Abafana ba Liverpool bamwakiriye nabi, bamukoma induru incuro zose yakora umupira.
- Muri urwo rukino, harabaye n’ivyiyumviro vy’urukundo: Umufana wa Real Madrid yatereye ivi imbere y’umukunzi wiwe amusaba ko bobana akaramata.

💬 Akabazo: Mbega abakobwa bo mu Burundi bokwemera gutererwa ivi muri stade hagati y’induru, ata mu photographe, ata amashurwe?

Tanga ico uvyiyumvira muri commentaire.

🇫🇷 PSG vs Bayern Munich – Parc des Princes
- Bayern Munich yaraye ikubise Paris Saint-Germain ibitsindo 2-1 i Paris.
- Luis Díaz yatsinze ibitsindo bibiri vyose vya Bayern, ariko aca aronka ikarata itukura imbere y’akaruhuko. Niwe mukinyi wa kabiri mu mateka ya Champions League abikoze, inyuma ya Antoine Griezmann wa Atlético Madrid muri 2021 bariko bakina na Liverpool.
- Bayern Munich imaze imikino 16 yikurikiranya itsinda muri iyi season.
- Bernard Johnson, umukinyi w’Umwongereza, yabaye uwa mbere mu mateka atsinda igitsindo muri Champions League aca aronka ikarata itukura.

🔴 Arsenal vs Slavia Prague
- Arsenal yaraye itsinze Slavia Prague ibitsindo 3-0, ikaba ikwije inkino 8 yikurikiranya itsinda kandi itinjijwe igitsindo na kimwe. Ibi yaheruka kubikora mu 1993.

⚪ Tottenham vs FC Copenhagen
- Umwana muto Wilson Odobert, afise imyaka 20 n’imisi 341, yabaye umukinyi agira gatatu mu mateka ya Tottenham atsinda igitsindo muri Champions League.

🕰️ Amateka y’abakinyi bato ba Tottenham babikoze:
- Ryan Sessegnon yatsinze Bayern Munich muri 2019 afise imyaka 19 n’imisi 207.
- Dele Alli yatsinze CSKA Moscow muri 2016 afise imyaka 20 n’imisi 240.

🧠 Inkino za UEFA Champions League zaraye zibaye zaranzwe n’ivyiyumviro vyinshi: ubuhinga, urukundo, n’amateka mashasha. Abakinyi bariko bandika amazina yabo mu bitabo vy’amateka, kandi abafana bariko babigira ibirori. Turabitegereje n’inkino zikurikira!

🗞️ Nagira mbanze ngusabe imbere y’uko ugenda ukore Follow kuri iyi page kugira ubandanye ubona Amateka nkaya, ivyegeranyo vy’umupira w’amaguru, n’inkuru zidasanzwe Z'AMATEKA yabakinyi nimigwi 🙌

#𝗔𝗠𝗔𝗧𝗘𝗞𝗔𝗬𝗔𝗕𝗢

26/10/2025

🟣⚽🔥 Uyu munsi ni umunsi udasanzwe ku bafana bose b’isi yose, kuko hagiye kuba *El Clásico* – urukino rudasanzwe ruhuza ibihangange: Real Madrid ⚪ na FC Barcelona 🔵🔴 kuri stade ya Santiago Bernabéu 🏟️.

🕰️ Akahise n’inkuru y’uru rukino rudasanzwe
Uru ni urukino rurenze kuba amarushanwa y’ibitego. El Clásico ni isanganya ry’amateka, amarangamutima, n’ubuhangange bw’umupira w’amaguru.
🎖️ Mu mateka, aya makipe amaze guhura incuro zirenga 250, bikagaragara ko hagati yabo habaye intambara ikomeye y’ishaka n’iteka.

🔹 Real Madrid iseruka yitwa ikipe y’ubwami n’itegeko,
🔸 Barça ikaza nk’ikirango c’ukwikukira kw’abanya-Catalunya.

Ni urukino rwagiye ruhindura amateka ya La Liga, UEFA, ndetse n’isi yose y’umupira!

👥 Abakinnyi n’ishusho y’umukino
🎯 Kuri uno munsi, turabona:
- Vinícius Jr azoba ari umu*inga ku ruhande rwa Real.
- Rashfold na Lamine Yamal na Fermín López bariko berekana ko bashoboye kuri Barça.
- Jude Bellingham, Arda Guller abakinnyi b'umwaka muri Real, bitezwe kuba abami v’igice hagati.
- Pedri & Balde baraza kugira uruhara runini mu guteza igitutu.

📋 Abatoza:
- Xabi Alonso (Real Madrid)
- Marcus Song (FC Barcelona)

🔍 Ivyitezwe n’abafana

Abafana bategerezwa kureba ibintu bine vy’ingenzi:

1. Umuvuduko w’umukino 🚀
2. Uko abakinnyi bakorana neza 🤝
3. Tactique y’umutoza 🧠
4. Uko umukino uhindukira mu minota yanyuma⏳

📣 Raba neza iyi message!
Niba ukunda umupira w’amaguru:
✅ Sangiza iyi nkuru
✅ Siga comment ushimagiza ikipe yawe
✅ Kora Follow kuri kugira ngo ntucikwe na live zose.

---

🔥 El Clásico si urukino gusa… ni intambara y’ishema n’iteka hagati y’amakipe agira amateka akomeye kurusha ayandi kw’isi. Uritavye? 👀

24/10/2025

🔥🎯 Vinicius Jr ari mu mwanya w’akaranga muri LaLiga EA Sports!

Mu mikino ibiri iheruka, Vinicius Jr yakoreweko amakosa atatu 🥴 atuma abakinnyi batatu b’ama équipe bari bahanganye bahabwa amakarata atukura 🟥:

- 🟡 Kurukino rwa Villarreal: Santiago Moreno yarayiriye
- 🔵 Kurukino rwa Getafe:
- Allan Nyom yarayiriye amaze umunota umwe yinjiye mukibuga 😳
- Alex Sacristán nawe ntiyacitswe 🟥

👀 kurundi ruhande naho I Catalugna haravugwa inkuru ikomeye: ko
Ronald Araujo ngo azotangura mu kibuga kuri El Clásico 🏟️ kuko muri Barça babona ko ariwe ashobora guhagarika ama contre-attaque ya Vinicius na Mbappé 🚀⚡️

🤔 Kubwawe, uravye mu bakinyi ba Barcelone, ninde ubona afise amahigwe menshi mabi yo kuzorya ikarata itukura kuri El Clásico, nk’uko Vinicius abimenyereje abantu mur’ino misi?

👇 Tanga ico utekereza muri commentaire 💬

🗞️ Nagira mbanze ngusabe imbere y’uko ugenda ukore Follow kuri iyi page kugira ubandanye ubona Amateka nkaya, ivyegeranyo vy’umupira w’amaguru, n’inkuru zidasanzwe Z'AMATEKA yabakinyi nimigwi 🙌

#𝗔𝗠𝗔𝗧𝗘𝗞𝗔𝗬𝗔𝗕𝗢

19/10/2025

🔥 North West Derby: Abami b’u Bwongereza barasubiriye guhura kuri Anfield! 👑⚽

Uyu musi ku wa Mungu, igenekerezo rya 19 Gitugutu 2025, isaha 17h30, ku kibuga ca Anfield, haraba urukino rutazibagirana: Liverpoo irakira Manchester United mu rukino rwiswe North West Derby — rumwe mu ntererano zikomeye cane mu mateka y’umupira w’amaguru mu Bwongereza 🇬🇧.

📜 Amateka y’Urukino: Umuriro w’ibihe vyose

- Izi nkomezi zahuye ubwa mbere mu 1894, mu rukino rw’icemezo mu “Football League Test Match”.
- Zimaze guhura incuro 216, aho Manchester United yatsinze 83, Liverpool 72, banganya 61.
- Liverpool yatsinze 7-0 mu 2023 — intsinzi ikomeye cane mu mateka y’iyi Derby.
- Uyu musi ni incuro ya 100 zihura kuri Anfield, kandi United irondera intsinzi ya 27 kuri ico kibuga.

🔴 Liverpool: Umurindi w’intsinzi n’ishaka ryo gusubira ku mwanya wa mbere

- Umutoza Arne Slot arayoboye ikipe iri ku mwanya wa 2, n’intsinzi 5 mu mikino 7, n’ibitsindo 13.
- Abakinnyi bakomeye:
- Mohamed Salah 🐐: Afise ibitsindo 2, assists 2, kandi ni we mukinyi watsinze ibitsindo vyinshi mu mateka y’iyi Derby (ibitsindo 16).
- Hugo Ekitike ⚡: Umusatirizi wihuta, amaze gutsinda ibitsindo 3 muri Premier Leagu .
- Virgil van Dijk 🧱: Umukinyi w’inyuma afise uburambe, ayoboye defence y’ikipe.
- Imikino ya vuba:
- Yatsinze Bournemouth 4-2, Newcastle 3-2, ariko yatsinzwe na Crystal Palace 1-2 na Chelsea 1-2.
- Ivyitezwe: Liverpool irashaka gukoresha ubukomezi bwayo bwo mu rugo kugira ngo itsinde Derby.

⚫ Manchester United: Red Devils barondera kwihagurutsa

- Umutoza Ruben Amorim arayoboye ikipe iri ku mwanya wa 10, n’intsinzi 3, gutsindwa 3, banganya 1.
- Abakinnyi bakomeye:
- Bruno Fernandes 🎯: Kapiteni w’ikipe, amaze gutsinda ibitsindo 2.
- Matheus Cunha ⚡: Umusatirizi wihuta kandi afise ubuhanga bwo kwinjira mu defence.
- Casemiro & De Ligt 🛡️: Abakinnyi b’inyuma bafise uburambe n’imbaraga.
- Imikino ya vuba:
- Yatsinze Sunderland 2-0, yatsinzwe na Brighton 1-2, yatsinze Burnley 3-2.
- Ivyitezwe: United irakeneye gutsinda hanze y’iwabo.

📊 - Amahirwe yo gutsinda: Liverpool 50%, Manchester United 30% kunganya 20%
- Premier League trophy 🏆 iriko irashakirwa n’izi nkomezi, kandi urukino nk’uru rushobora guhindura ibintu.

🔮 Ubusesangu*i bw’ivyitezwe

- Liverpool irakoresha ubukomezi bwayo bwo mu rugo, hamwe n’abafana bayo, ikagaragaza ko ari yo ikwiye kuba ku mwanya wa mbere.
- Manchester United irakoresha ubuhanga bwa Fernandes na Cunha mu gutungura, nubwo ifise ibibazo mu defence.
- Urukino rushobora kurangira ku ntsinzi ya Liverpool, ariko United irashobora gutungura — nk’uko vyagiye bibaho mu mateka.

🗣️ Ijambo ry’iherezo

Urukino rwa Liverpool vs Manchester United si urukino gusa — ni intambara y’ubwami, ni amateka, ni amarangamutima, ni ubu*ima bw’abafana. Uyu musi, Anfield iraba nk’ikirimba c’abami, aho Red Devils baza gusaba kwinjira, ariko The Reds bashaka kwerekana ko ari bo bami b’ukuri 👑🔥.

🗞️ Nagira mbanze ngusabe imbere y’uko ugenda ukore Follow kuri iyi page kugira ubandanye ubona Ubusesangu*i nkubu, ivyegeranyo vy’umupira w’amaguru, n’inkuru zidasanzwe Z'AMATEKA yabakinyi nimigwi 🙌

#𝗔𝗠𝗔𝗧𝗘𝗞𝗔𝗬𝗔𝗕𝗢

14/10/2025

🇵🇹💭 Cristiano Ronaldo yakinye imikino 27 yose mbere y’uko atsinda igitsindo ciwe ca mbere muri Champions League. 😳⚽

Ubu ni we afise ibitsindo vyinshi kurusha abandi bose muri ayo marushanwa. 🎯🏆

Iyo nkuru irerekana neza ko ukwihangana, ugukora cane, n’ukudahebura bishobora kukugeza kure cane 🛤️🔥

🎥✨ Ivyo vyose bigaragaza amateka y'umugabo yitangiye umupira n'umutima wose.



🗞️ Nagira mbanze ngusabe imbere y’uko ugenda ukore Follow kuri iyi page kugira ubandanye ubona amakuru y’inkino agezweho, ivyegeranyo vy’umupira w’amaguru, n’inkuru zidasanzwe Z'AMATEKA yabakinyi n’imigwi 🙌

#𝗔𝗠𝗔𝗧𝗘𝗞𝗔𝗬𝗔𝗕𝗢

14/10/2025

🧊📈 IMIKINO 100 YA MBERE MU RUGENZI RWABO RWA SENIOR

🔹 🇧🇷 𝐄𝐒𝐓𝐄̂𝐕𝐀̃𝐎
⚽ Ibitsindo: 31
🅰️ Passes décisives: 16

🔹 🇪🇸 𝐋𝐀𝐌𝐈𝐍𝐄 𝐘𝐀𝐌𝐀𝐋
⚽ Ibitsindo: 21
🅰️ Passes décisives: 28

🎯 Ivyo vyose babikoze bagifise imyaka 18 gusa… 🤯
Ubushobozi n’icizere ku rwaruka buratangaje!

🗞️ Nagira mbanze ngusabe imbere y’uko ugenda ukore Follow kuri iyi page kugira ubandanye ubona amakuru y’inkino agezweho, ivyegeranyo vy’umupira w’amaguru, n’inkuru zidasanzwe Z'AMATEKA yabakinyi nimigwi 🙌
#𝗔𝗠𝗔𝗧𝗘𝗞𝗔𝗬𝗔𝗕𝗢

14/10/2025

💰🔵 Chelsea ifise ubudandaji bwa £300 MILLION mukwezi kwa mbere !

Nk’uko bivugwa na Nizaar Kinsella, Chelsea izoba ifise ubushobozi bwo gukoresha amafaranga ashika kuri £300 million mu kwezi kwa mbere 2026.

Ariko rero, 🎯 ubuyobozi bw’iyo kipe buratangaza ko buhimbarwa n’abakinyi ifise ubu, kandi ko badashaka kugura uwari we wese, atari umukinyi ashoboye kuzamura urwego rw’ikipe no kuyishikana kure.

🧠 Ivyo birerekana ko Chelsea ishaka gukoresha amafaranga yabo mu buryo bw’ubwitonzi, igashiramwo imbaraga aho bikenewe cane.

🗞️ Nagira mbanze ngusabe imbere y’uko ugenda ukore Follow kuri iyi page kugira ubandanye ubona amakuru y’inkino agezweho, ivyegeranyo vy’umupira w’amaguru, n’inkuru zidasanzwe Z'AMATEKA yabakinyi nimigwi 🙌
#𝗔𝗠𝗔𝗧𝗘𝗞𝗔𝗬𝗔𝗕𝗢

Want your business to be the top-listed Gym/sports Facility in Kirundo?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Website

Address

𝐊𝐢𝐫𝐮𝐧𝐝𝐨
Kirundo