Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Ngabireyimana Bella, Irankunda Elyse
ELG on LINE
🇧🇮 🤏🏻 Bringing news only: Kirundi, French and English . We refer on your thoughts 🇧🇮
Thanks for being a top engager and making it on to my weekly engagement list! Elysé Nkurunziza
29/06/2024
🏀🟢⚪| : wari u*i ko ivya Dynamo BBC kumwe na Visit Rwanda hakirimwo igifungu....?👀🤔
💬 " sibo batanze uburyo 'Sponsors ' bonyene, hariho na abandi bashizemwo uburyo...
👆🏻 Rero, kubwa ivyo, kugira abarundi babandanye inkino za Basketball ata nzitizi, turiko turageragerageza gukora ibiganiro kugira ico kibazo gikemuke...
🤝 Ku nyungu ya Basketball mu Burundi, turizera ko ico kibazo hazogera aho gikemuka..."
👆🏻 Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na 'Ambassadeur, Rémy Barampama, umuvugizi wa ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo na inkino....
📍 Yabivugiye i Makamba, mu kiganiro cariko kiraremeshwa na Indongozi mu bushikiranganji butandukanye na Abamenyeshamakuru ku musi w'ejo hahise...
🗞️ Inkuru irabandanya.... 😏
28/06/2024
🏀🟢⚪| : wari u*i ko ivya Dynamo BBC kumwe na Visit Rwanda hakirimwo igifungu....?👀🤔
💬 "Ego nivyo Visit Rwanda yaratanze 'Sponsors'.....
❌ Ahibambewe, ntibisigura ko aho Visit Rwanda yagiye irashiramwo ubwo buryo hose, bica biba ngombwa ngo bace bambara umwambaro wanditseko ..."
👆🏻 Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na 'Ambassadeur, Rémy Barampama, umuvugizi wa ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo na inkino....
📍 Abivugiye i Makamba, mu kiganiro kiriko kiraremeshwa na Indongozi mu bushikiranganji butandukanye na Abamenyeshamakuru.
🗞️ Inkuru irabandanya... 😏
25/06/2024
🏀👏 Akandi gakuru keza muri Febabu : Amande angana n'amafaranga y'ama suisse 50.000 ishirahamwe ry'urukino gwa Basketball mu Burundi ryaciwe na FIBA agiye kuzoza ararihwa mu mice ikiringo co kuba yatanzwe yose na co cungururujwe gushika itarike 31 kigarama 2026
📢 Muri Febabu barashima cane iyo ngingo bagatera akamo ababishoboye gufasha mu kwegeranya uburyo (imiriyoni zigera ku 160 z'amarundi) bugenewe ico gikorwa
🤩 Muti Febabu iri mu kazi?
Cc: Iris News
23/06/2024
: Abana badafise ikibafatira bazindukira kwihigira akanyama kugira bashobore kuronka icorirenza....
🔚 Ku musi w'ejo, neza na neza igihe c'isaha umunani z'umutaga, igihe twashika mu Gatumba mu Ntara ya Bujumbura, ahaherutse gushikirwa n'ivyago vy'ihindagurika ry'ibihe twarashoboye kubona abana bazi kwisumamwo kugira bashobore kuronka icorirenza.
🗣️ Umwe muri abo bana, twarashoboye kuganira..., aratubwira igituma avyukira kuri ako kazi :
🎤 I.B ati: "Mvyukira ng'aha kugira nshobore kuronka akanyama mfungura, ubona ko n'ubu*ima bwo mu gisagara ari indya nkudye.
Kwama mvyukira ng'aha, biratuma ndonka icorirenza, biranatuma ntakorakora.
Ndafise icizere co kutazoguma muri buno bu*ima, umwanya n'umwanya, Imana ishobora kumpindurira amateka na ridya niyizi ko ubunebwe atari ikirenga...."
👀 Nawe ubwo bu*ima warabuciyemwo? Akira 🎤 ugire ico utekereye abo bana...
*ima
19/06/2024
😁😁😁
🔴 "Kazima Imana Inkunda" niyo ndirimbo Dj Fernando +257 ashimye gusohora inyuma y'ibiriko biramuvugwako bitari vyiza muri ino misi
🎬 Iyo ndirimbo iza gusohoka isaha 12 z'umugoroba kuri uno wa gatatu
🤗 Tubibutse : Dj Fernando ari mu kibazo co kutumvikana n'umukenyezi Kadie Kay. Ni inyuma y'uko ku musi wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruheshi, mu gihe hari haramutse haba igiteramo co gutanga ubushimwe mw’ihiganwa “Ka Summer Song” ritunganywa n’isamirizi Kazoza FM , umuririmvyi Dj Fernando ash*tse ku butambiro yagize ati : “Tuze tureka kwibeshera iyo wakoze ikintu ube ukivuga. Umu maman yanditse Mon Logo ntabwo yanditse Bellissima ace aza ambeshuze ng’aha. Umwe yavuga ko yanyandikiye Bellissima ni aze ayiririmbe.”
🗣 Bukeye Kadie Kay, yakoranye ikiganiro n’Imboneshakure Umukubito , aho yashikirije ko umuririmvyi Dj Fernando yamuburiye indero mu kumuvuga muri ico giteramo.
✍️ Ikindi Kadie Kay amenyesha n’uko ndirimbo Bellissima, yatumye Dj Fernando atahukana imiriyoni zitanu mw’ihiganwa atari we yayanditse nk’uko uwo muriririmvyi abishikiriza mu binyamakuru no ku mbuga ziwe.
🙌 Dj Fernando ati :"Kazima Imana Inkunda" ...uyiteguriye gute?
*iki
18/06/2024
: Onze Étoiles, abana b'abigeme babica bigacika mu rukino rw'umupira w'amaguru, n'ubwo bacirondeza....
✍🏻 Ku musi w'Imana igenekerezo rya 16 Ruheshi 2024, ku kibuga Centre Technique de Ngagara ' ', hari haramutse haba urukino ruhuza umugwi wa Onze Étoiles (Bujumbura) kumwe n'umugwi wa Isezerano FC (Ngozi).
👆🏻 Muri urwo rukino, abigeme ba Onze Étoiles batsinzwe n'umugwi wa Isezerano FC ibitsindo 2-4. Rwari urukino rudasanzwe, kuko vyaraboneka ko imigwi yose yari yaje inyotewe intsinzi.
🙌🏻 Mu ntumbero yo kwiyubaka, umugwi wa Onze Étoiles ukomoka mu Ntara ya Bujumbura uriko uragerageza kuzana amaraso mashasha.
🥳 Ubu bakaba bageze ku ntambwe yo kuva mu Ntara ya Bujumbura bakerekeza mu Ntara ya Gitega i Mutaho kugira bashobore kuzana amaraso mashasha.
👆🏻 Nka akarorero, barazanye abana b'abigeme babiri bakomoka mu Ntara ya Gitega muri komine Mutaho: Divine kumwe na Jeanne.
🫴🏻 Ni mubatere intege basha. 🥹
12/06/2024
🤔 Mwari mu*i ko Aimé Nkonyereza, umurongozi w'Urunani BBC ari mubagize uruhara runini kugira Basketball mu Burundi igabanirizwe ibihano ?
🔙 Muribuka inkuru duheruka kubasangiza ivuga ku kijanye n'uko Uburundi bushobora kuronka ikibuga mpuzamakungu cakira inkino za Basketball, bimwe muvyari vyashikirijwe na Annibal Manave aramutswa FIBA Africa ishirahamwe rya Basketball muri afrika. Inkuru iri hano : https://shorturl.at/kJfHX
💬 Tubasangize ayandi majambo yashikirijwe na Annibal Manave nyene, aho yabwiye abarundi n'abarundikazi ko "Aimé Nkonyereza ari mubitanze cane kugira Uburundi bugabanirizwe ibihano muri ca gihe umugwi wa Dynamo BBC wari mu vyago".
🗣️ Yagize ati: "Naje ngaha kugira mvuge kuvyashikiye umugwi wa Dynamo BBC muri .
Ego nivyo kahise karafise ico kadusigira, ariko igihambaye ni uko twokwisunga kuri kazoza.
Kuri mwebwe, ivyabaye sivyiza na mba ! Ariko, hari umwubahwa Aimé Nkonyereza yagize uruhara runini kugira Basketball mu Burundi igabanirizwe ibihano.
Imisi yose, ukwo bukeye ukwo bwije, yama andondera kugira tuganire ku cerekeye Basketball mu Burundi kumwe n'umugwi wa Dynamo BBC.
Uyo mwubahwa mwumva arakunda urukino rwa Basketball, ni umurongozi w'Urunani BBC ariko arondera ineza ya bose muri rusangi adaciye ku ruhande ngo yiteho umugwi wiwe w'Urunani BBC asanzwe arongoye.
Mugenzi Aimé Nkonyereza, ndagushimiye bimwe vy'imvamutima ku kugene witanga utiziganya kugira Basketball mu itere intambwe nongera ngushimira ku kugene utanga icizere kuri kazoza ka Basketball yo mu Burundi" 🇧🇮
😇 Aha ga basomyi ntimwokwirengagiza ivyo murimwo mukamuha amashurwe yiwe Aimé Nkonyereza 🫴🏻
📸 : Febabu
12/06/2024
ABARUNDI MURAHARARA BASHA NUKURI 😁🤔
UBU RERO MWAMAZE KUMWIBAGIRA NKAHO UMENGO EJO NTIYARI MU KIBUGA ?😐
12/06/2024
🇧🇮⚽| Uburundi bwaraye butsinze igihugu ca Seychelles ibitsindo 3 kuri 1 inyuma y'inkino zitari zike butazi ukugene intsinzi isa...
✍🏻 Mu rukino rwariko rubera muri Maroc mw'ijoro ryakeye, Uburundi bwaraye bwihereranije amazinga ya Seychelles binatuma Uburundi butahukana amanota atatu.
👆🏻 Ni muri za nkino zo kurondera uburenganzira bwo kuzokwitabira inkino z'igikombe c'isi ca 2026 kizobera mu bihugu bitatu, Canada Mexique na USA.
🤔 Uburundi mu gikombe c'isi biracashoboka ?
✍🏻 Gukura intsinzi imbere ya Seychelles, vyatumye Uburundi burara mu kibanza ca gatatu n'amanota 7, mu gihe igihugu ca Côte d'Ivoire kiza mu kibanza ca mbere n'amanota 10.
📝 Ku rutonde, ng'uku uko imigwi ikurikirana mw'itsinda rya F Uburundi burimwo:
🇨🇮Côté D'ivoire : amanota 10
🇬🇦Gabon : amanota 9
🇧🇮Burundi : amanota 7
🇰🇪Kenya : amanota 5
🇬🇲Gambia : amanota 3
🇸🇨Seychelles : amanota 0
🙌🏻 Inkino zizogaruka mu mwaka w'2025 guhera mu kwezi kwa Ntwarante. Aho ni mu gihe kugira ushike mu nkino z'igikombe c'isi ca 2026, bizosaba kurangiza itsinda uri mu kibanza ca mbere.
✍️Imigwi izoba iya kabiri hazotorwamwo ine yigenjeje neza, iyo bita "meilleurs perdants" izokina inkino z'amahirwe ya nyuma "barrages", uwuzokwigenza neza akazoca akina n'umugwi uvuye ku wundi mugabane
👀 Mubona gute kazoza k'umugwi nserukiragihugu Itamba mu rugamba ? Akira 🎤ugire ico ushikirije...
Click here to claim your Sponsored Listing.