20/07/2026
๐๐ง๐ฎ Muyinga : mubona twokorana gute kugira duhundure umukenyuro mumukino wamaguru
iciyumviro muri commentaires ๐
Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Flower online TV, Sports Promoter, Muyinga.
๐ธ FOTV Burundi (Flower Online TV) ๐ฅ
Ijwi ryโururabo rwโUburundi ๐ง๐ฎโจ
Media yo kuri internet ibagezako amakuru yizewe ๐ฐ, imyidagaduro iryoshe ๐ฌ nโimico kama yโUburundi ๐ง๐ฎ
โข Interviews ๐ค โข Live ๐ด โข Updates zigezweho ๐ฅ
20/07/2026
๐๐ง๐ฎ Muyinga : mubona twokorana gute kugira duhundure umukenyuro mumukino wamaguru
iciyumviro muri commentaires ๐
20/07/2026
Muyinga oyee ๐ฅ turangwa nurukundo ๐
19/07/2026
Aya masoko n'amazu akikuje amasoko asha uku kose yisubiriza leta ataco ivuga, atamatohoza yimbitse akorwa, bizoherera hehe? Ubu na Buganda bivugwa ko kiosque ziriko zirasha ,ni igiki cihishije inyuma ? Ikintu gitera imiriro mu BURUNDI ni igiki ? Harakeneye amatohoza yimbitse.
Igendereza ry'uburundi ryoba ritari Ku rwego go gutohoza impamvu cane cane imiriro yaduka mu bibanza abantu bakoreramwo incuro n'izindi? Ibi bintu uburundi n'abarundi bakwiye kumenya ukuri ko amazi ariko arenga urugero.Ikibazo atanyishu, kuki imiriro mu bibanza abantu bisumiramwo yama yadutse ? Ni ibigize inyubako zinzu ? Ni amatara ? Ni imiriro yubugizi bwa nabi ? Niki vyukuri ?
19/07/2026
๐ Ubutumwa bwo kuzirikana no gushimira Imana
Iyo uvyutse mu gitondo ugasanga uri muzima, ufise amagara meza kandi ushoboye kubandanya ibikorwa vyawe vya misi yose, ntuvyite ibisanzwe. Banza ushimire Imana ku ngabirano y'ubuzima, kuko ari yo soko ry'ivyo dufise vyose.
Twibuke ko abarwaye canke abari mu bitaro atari uko hari ikibi bakoze canke ko babaye abanyavyaha kuturusha. Indwara irashobora gushika ku muntu uwo ari we wese. Ni co gituma dukwiye kubereka urukundo, kubasengera no kubaremesha aho kubacira urubanza.
Uyu musi, fata akanya ushimire Imana ku buzima yaguhaye, wongere wibuke no gusengera abarwaye bose kugira Imana ibahe gukira n'inkomezi zo kwihangana.
Shimira Imana ku buzima ufise, kandi ntiwibagire gufata mu mugongo abari mu bihe bigoye." ๐คฒโค๏ธ
19/07/2026
๐ Muyinga: Al Munawwarat Foundation Muyinga yagendeye abarwayi bari mu Bitaro Bikuru vya Muyinga mu gikorwa c'urukundo n'impuhwe.
Kuri uyu wa Gatanu, umwe mu misi y'agaciro n'imigisha ku bemera idini rya Islam, abagize Al Munawwarat Foundation Muyinga bagendeye abarwayi barwariye mu Bitaro Bikuru vya Muyinga, babafasha kubaremesha no kubereka ko batari bonyene.
Muri ico gikorwa ciza, abarwayi bashikirijwe ubuyi, ibitumbura n'amasabune, nk'ikimenyetso c'urukundo, impuhwe n'ubuvukanyi Islam yigisha. Ku barwaye bari kure y'imiryango yabo, uku kubagendera no kubafata mu mugongo bibaha icizere n'inkomezi zo kubandanya urugamba rwo gukira.
Al Munawwarat Foundation Muyinga irakengurukira cane abantu bose bitanze n'abafashije muri iki gikorwa, yaba mu buryo bw'amafaranga, ibikoresho canke umwanya wabo, kuko ari bo batumye iki gikorwa gishika ku babikeneye.
Ishirahamwe rirahamagarira n'abandi bose bipfuza gushigikira ibikorwa vy'urukundo n'ugufasha abagowe kwifatanya na ryo, kugira dufadikanye mu kwubaka igihugu kirangwa n'ubuntu, urukundo n'ugufashanya.
Dusavye Allah Yemeye iki gikorwa ciza, akize abarwayi bose bari mu bitaro, ahe imigisha myinshi abitanze n'ababashigikiye, kandi ahe abantu bose imitima y'impuhwe n'urukundo rwo kuguma bafashanya.
Allah Akbar. Ameen. ๐คฒ
19/07/2026
๐๐ง๐ฎ Muyinga: Mumwite , umwe mu bakinnyi bo hagati mu kibuga bariko bavuga neza muri kino gihe. Uyu musore yerekanye ubuhanga, umwete n'ukwitanga bituma benshi bamubonamwo kazoza keza mu mupira w'amaguru.
Abakunzi b'umupira bavuga ko ari umwe mu bakinnyi bahetse umugwi wa , kuko kuva yatangura kuwukinira, urwego rw'umugwi rwagiye ruratera imbere, n'abafana bawo barushiriza kwiyongera ku bwinshi.
Nimba akomeje gukorana umwete no gukomeza guteza imbere impano yiwe, nta kabuza ashobora kuzoba umwe mu bakinnyi bazokwamamara cane mu mupira w'amaguru w'Uburundi.
Mbega wewe ubona afise kazoza keza muri ruhago? Shira iciyumviro cawe muri commentaires. โฝ๐ฅ
18/07/2026
Ino Uyizi Mundirimbo Yitwa Gute?
N.B: Batanu Bambere Murungikane na Zanyu ndabatewo๐๐ง๐ฎ
Muyinga oyee ๐ฅ turangwa nurukundo ๐
18/07/2026
๐๐ง๐ฎ Commune Muyinga | JSM Football Academy โฝ
Mu rugendo rwo kurera no guteza imbere impano z'urwaruka mu mupira w'amaguru, JSM Football Academy ikomeje kwitwara neza biciye ku mutoza wayo Aboudul Jabal.
Uyu mutoza azwi n'abatari bake kubera umwete, ubwitange n'ishaka ryo gufasha abakiri bato gukura mu mupira w'amaguru. Igikorwa ciwe kiratanga icizere ko hari impano nyinshi zigiye kuvuka muri Commune Muyinga.
None wewe ubona gute Coach Aboudul Jabal? Ariko aragerageza?
Niwaba wemera ko ariko akora neza, shira ๐๐๐ nyinshi muri commentaires maze umushigikire.