Yves Mula 257

Yves Mula 257

Share

𝐀 𝐛𝐨𝐲 𝐅𝐫𝐨𝐦 𝐌𝐚𝐠𝐚𝐫𝐚
𝐒𝐩𝐨𝐫𝐭𝐬 𝐘𝐒𝐳𝐞𝐰𝐞 𝐒𝐬 𝐚𝐯𝐚𝐒π₯πšπ›π₯𝐞 𝐨𝐧 𝐩𝐚𝐠𝐞

06/09/2026

Muri FC Barcelona Anthony Goldon yash*tse bamuha akazi kamwe gusa, ni gutanga imipira ivamwo ibitsindo.

Inkino 4 za Laliga Anthony Goldon amaze gutanga imipira ivamwo ibitsindo 4 yose.

Uri kumubona gute Goldon?

06/09/2026

Lamine Yamal ariko araza uko tubandanya umwaka w'inkino.

Ibitsindo 4 munkino 4 za Laliga.

Umusore watanguye kumubona?

06/09/2026

Firmin Lopez ntakintu na kimwe adaha FC Barcelona, noneho ari gutsinda akongera agatanga nama assist, bibaye ngombwa nama karata y'umuhondo arayaronka.

Lopez kuva atanguye kwizerwa na Flick guhera m umwaka w'inkino wa 2026 utanguye ibiharuro vyiwe bisa neza.

Laliga iyi sezo: Inkino 4 ibitsindo 4 na assist 2

Harico wovuga kuri Firmin Lopez?

06/09/2026

Sinzi ko tuzobona umurwi wo mubwongereza ushobora guhagarika ARSENAL. Iyi ekipe ntahantu nahamwe idakomeye uhereye mwigori gushika imbere.

Ikirenze vyose Arsenal ifise hagati heza , kandi izi gukina neza urukino rw'umupira w'amaguru, ifise abakinyi bakina ivyo bumva.

Bitandukanye na Chelsea yo hariho ibibanza bigaragara hagati bituma na defense ibambi cane.

Derby yo mugisagara ca Londres irangiye Chelsea ikubiswe.

FT: Arsenal 2-1 Chelsea

Arsenal amanota 9/9

06/09/2026

Ibitsindo 6 na assist 1 munkino 4 gusa za Laliga. Raphinha ari gukora ibikwiriye nka Numero 9.

Raphinha ubona azotsinda bingahe uyumwaka w'inkino muri Laliga??

06/09/2026

Hambavu yo kuba bakina urukino rwiza FC Barcelona ifise ubusatirizi buteye ubwoba.

Igitsindo ca Pedri, igitsindo ca Raphinha , Igitsindo ca Firmin Lopez, ibitsindo 2 vya Lamine Yamal, assist ya Goldon, assist 2 za Firmin Lopez, assist 2 za Dani Olmo.

Valence ikubiswe ibitsindo 5-0 na FC Barcelona

Iyi ekipe uyibona gute?

06/09/2026

Uyu mupira w'amaguru Baga🀭🀭

FT: Everton 2-2 Manchester United

Michael Carrick bamugomboye kukanyuma.

06/09/2026

Rodri atanguye mukibuga murukino FC Barcelona igira ikine na Valence.

Ubusatirizi ni Raphinha, Goldon na Lamine Yamal!!

FC Barcelona ubona itsinda bingahe?

06/09/2026

Umumenyesha makuru Cedric Fei Toto ati Chelsea na Arsenal abishize hamwe kubwiwe ngaba abakinyi botangura mukibuga.

Umunyegoli: David Raya

⚽ Abakinyi b'inyuma:
2. Reece James
4. Maxence LaCroix
5. Gabriel Magalhes
3. Ricaldo Calafiori

⚽ Abakinyi bo hagati
6. Decran Rice
8. Martin Ødegaard
10. Cole Palmer

⚽ Abasatirizi
11. Morgan Rogers
9. Joao Pedro
7. Bukayo Saka

Isaha 17h30 iyi match azoba ari umuriro kukibuga ca Arsenal Emirates. Ni Derby y'imirwi isangiye igisagara ca Londres. Match ya Premier League kundwi ya gatatu.

Wewe ufashe Chelsea na Arsenal abakinyi ukabateranya 11 wotanguza mukibuga boba abahe?

06/09/2026

Gaspellini ariko n'abahungu biwe Paul Dybala na Malen bari gukora AS Roma bayigize igikoko mubutariyano ntabwo iri guhagarikwa.

Match 3 za SerieA amanota 9/9

Want your business to be the top-listed Gym/sports Facility in Rumonge?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Website

Address

Rumonge