Bertin kelvin

Bertin kelvin

Share

Welcome to our page

Photos from Bertin kelvin's post 24/05/2026

Umushikiranganji wa mbere nawe yafashe urugendo kuri uyu w'Imana rumushikana mu gisagara ca mu gihugu ca .
Nestor Ntahontuye yamenyesheje ko yitavye ibikorwa vy'inama mpuzamakungu iraba ivyo gutunganya amazi hamwe n'ibiyakomokako vyose.

Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye akaba yibukije ko amazi ari ubuzima, ko ata mazi vyogorana ko abantu babaho kuko akoreshwa muri vyinshi mu buzima bwa misi yose, hama kuyanywa, gukora isuku, kuvomera imirima n'ibindi.

Akavuga ko muri iyo nama bazohanahana ivyiyumviro n'abandi bazoba baserukiye ibihugu vyo kw'isi ku bijanye n'ingene botunganya neza amazi ivyo navyo bikazofasha Uburundi kubandanya umugambi wo kubungabunga amazi n'ibiyakomokako na rirya Reta ifise umugambi w'uko mu mwaka w'2030 ibice 70% vy'abarundi bazoba bafise umuyagankuba, ivyo navyo bikazokunda ari uko hari amazi akwiye kugira ingomero z'umuyagankuba zubakwe kandi zironke amazi.

Photos from Bertin kelvin's post 19/05/2026

✍🏿 Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yagenye Nancy Ninette Mutoni kuba umuvugizi mu biro vy'umukuru w'igihugu.

Umupfasoni Nancy Ninette Mutoni asubiriye Umupfasoni Rosine Guilene Gatoni muri ayo mabanga .

Photos from Bertin kelvin's post 30/04/2026

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n’ibinyamakuru Ambassadeur Evelyne Butoyi yashikirijwe ibikorwa ku mugaragaro kuri uwu wa kane igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2026.

Ibikorwa yabishikirijwe n’Umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji Pierre Miburo yahora ahagarariye ibikorwa inyuma y’urupfu rw’umushikiranganji yahahora Gabby Bugaga.

Mu bikorwa yashikirijwe, umushikiranganji Ambassadeur Evelyne Butoyi yavuze ko harimwo Kubandanya gukurikirana bongera batambutsa integuro z'amategekeko mu nzego zibijejwe nk’itegeko ritanga uburenganzira bwo kuronka amakuru n’inkuru ku bavyipfuza, integuro y’itegegeko riraba abo bita aba influenceurs n’abakora amajwi n’amasanamu, kubandanya umugambi wo gutuma amaradiyo yumvikana neza mu gihugu cose, umugambi ujanye no guhemba no guhembesha ku bikorwa bijanye n’abakora amajwi n'amasanamu mu bikorwa mva bwenge (monétisation des contenus numériques)hamwe no gushira ivyuma vyerekana amashusho meza y'ubwiza bw’igihugu uhereye ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye n’ahandi.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n’ibinyamakuru Ambassadeur Evelyne Butoyi yavuze ko bazofatana amaboko n’abo bakorana kandi ko intererano y’umwe umwe wese mu bo bakorana mu bushikiranganji n’abarongoye ibimenyeshamakuru bizotuma igihugu gishika ku mbonakazoza gifise y’igihugu cifashe 2040, giteye imbere 2060.

Photos from Bertin kelvin's post 27/04/2026

Ubutumwa bwa Nyenicubahiro umukuru w’igihugu inyuma yo kwizerwa n’Abagumyabanga:

“Ndakengurukiye Abagumyabanga banyizeye mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe, bakanshira imbere nk’umukandinda wa mu matora y’Umukuru w’igihugu ya 2027.
Ko twakoze mugashima, ndabemereye kubandanya ikivi,turi kumwe twese, kugira umurundi wese atunge kandi atunganirwe.

Komera! “

Photos from Bertin kelvin's post 25/04/2026

kuri uyu wa 24 Ndamukiza 2026 wari umusi wa 2 w'igisabisho mpuzamadini categuwe n’umugambwe CnddFdd kiriko bibera mu ntara ya Gitega.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe ,barasangiye n'Abagumyabanga ibihe vy'uguhimbaza Imana n'ukwubakwa n'ijambo ry'Imana rishimikiye k'urufatiro rwo muri 1 Petero 5:1-11.

Mw'ijambo yashikirije, Umukuru w’igihugu yarashinze intahe y'ingene ijambo ry'Imana riri muri Ezekiyeri 34:1-10 na 34: 17-25 ryamufashije mu bihe bibi igihugu caciyemwo mu 1995, aca ahamagarira abariko baramwumviriza kuba abizigirwa mu nyonga z'Imana.

Umukuru w'Igihugu yarakengurukiye Imana ku mahoro n'ukunywana bisasagaye hagati ya bene Burundi bose nk'uko ibihe mwene ivyo binabigaragaza, aca abatera intege umwe umwe wese kuzigama ivyosh*tsweko kugira bubake bose bari hamwe Uburundi bwiza caana.

Amafoto :Ntarerushasti

Photos from Bertin kelvin's post 23/04/2026

Ku kibuga i ngoma i Gitega ,Umukuru w’igihugu, yatanguje isekeza ry'inyigisho z'amatora y'umukuru w'igihugu yo mu 2027. Ibirori vyari vyitabwe n’Abanyacubahiro n’Abenegihugu batandukanye.

Mw'ijambo yashikirije, Umukuru w'igihugu c'u Evariste Ndayishimiye yibukije akamaro k'izo nyigisho ku benegihugu, amenyasha ko amatora ari inkingi ya demokarasi, agaha uburenganzira abenegihugu bwo kwihitiramwo kazoza k’Igihugu cabo.

Yahamagariye abenegihugu kugwanya ivyo vyose vyokwonona amatora meza, aca agaruka ku kamaro k'amahoro n'umutekano, kugwanya inkuru z'irementanya, kutazera inze mu buryo buzokoreshwa, amacakubiri y'imigambwe, ubutungane n'uruhara rw'abenegihugu.

Evariste Ndayishimiye yashimangiye ko igikorwa c’amatora kiraba canecane Abarundi, kandi ko gitegerezwa kutivangwamwo n’abanyamahanga.
Abenegihugu bahamagarirwa kumenya neza amategeko agenga amatora no kuyaterera mu vy’uburyo gutyo batsimbataze ukwikukira nyakuri kw’igihugu.

Want your business to be the top-listed Gym/sports Facility in Bujumbura?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Telephone

Website

Address

Bujumbura