16/10/2026
Mugenzi wanje ibi ndavyanditse izisaha nyene ubona 01:18
Wihangane gato umanze wibagire ko ndi umunyavyaha,ariko basi haraho ayamajambo yogufasha usome ayamajambo yanditse ahaa
Uyumusi ni umusi wokwitegurira isabato(Vendredi),
Niba uyiruhuka make mumajambo nsomye mugitabo ,icirwa ca 39 kivuga ngo VYAMAKUBA page 539 havuga ngo: Abantu bacererwa mu kwitegura umusi wimana, ntibazoshobora kwitegura mugihe c'amakuba canke inyuma yaho.Ivyabo ntavyizigiro bizoba bigifise.
Nawe uyumusi wirinde ivyotuma umusi wimana ugera utariteguraaa
MUGENZI Ndagutumirira niba ufise igitabo Intambara Ihambaye wige iki cirwa 39 kivuga ngo IBIHE VYAMAKUBA kirimwo ibirwanishwa tuzokwifashisha kumpera yiyintambaraa turikurwana.
Wibuke ko igihambaye sukuntu dutangura kurwana iyintambara, oya ahubwo igihambaye nuko tuzoyirangiza
🙏Niba wumva wifuza kumenya ibiri lwiki gitabo kiraha kwifoto wondondera nka kikuronsa kubuntu ukaja kugisoma kikazogufasha mukaga katurindiriye
Imana ibahe mpwemu yera agushoboze gutsinda ivyotuma utitegurira isabato uko bikwiye
📖 Ivyahishuriwe yohana 14:6-7:
Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yatiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n'amahanga yose n'imiryango yose n'indimi zose n'amoko yose. 7 g Avuga n'ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c'amateka yayo gish*tse, musenge iyaremye ijuru n'isi n'ikiyaga n'amasoko y'amazi.
#