29/08/2022
🛑🚨 Mwenewabo na Paul Pogba, Mathias Pogba yavuze ko Paul Pogba yashaka guha akazi umurozi kugira azoroge KYLIAN MBAPPE 😳
Mwenewabo na Paul Pogba, Mathias Pogba :
🗣️" Igihe ibintu vyose bizoja k'umugaragaro, abantu bose bazobona ko ata kijuju, umuhemutsi, indyarya nkawe (Paul Pogba) kuri iyi si."
🗣️: "Kylian ubu urabitahura?? Nta nabi ndakwipfuriza. Ibi ndabikora kubwo ineza yawe, ibintu vyose ni ukuri kandi biraboneka. Uwo murozi arazwi."
🗣️: "Mbabajwe n'uwu mwenewacu. Umuntu yiyita umu islam akaja m'uburozi? Si ibintu vyiza kugira umuntu w'indyarya, umuhemutsi iruhande rwawe."
K'urundi ruhande, Paul Pogba yagirije mwenewabo gukorana n'itsinda ry'abagizi ba nabi bagerageje kumutera ubwoba kugira abahe imiriyoni 13€
Mu nkino za Kivandimwe Ubufaransa bwakiriye Afrika y'epfo na Côté d'ivoire hagati ya 25 na 29 ntwarante, zimwe mu ncuti ziwe zo m'ubwana zamutwaye mu nyubako i Paris, zimwagiriza kutigera abafasha ikintu na kimwe kuva abaye umukinyi w'umunyamwuga
Ico gihe Abagabo babiri bafise inkoho basavye Paul Pogba imiriyoni 13€ kugira ntibamumenere amabanga
Ayo mabanga kwari ugushira hanze amajwi yiwe ariko arasaba umwe mu barozi ko yoroga KYLIAN MBAPPE
Mu nyuma niho yaje kumenya ko abo bantu bose bakorana na mwenewabo, Mathias Pogba
Yaciye abibwira ababuranira Juventus, aho baciye babimenyesha abashinzwe umutekano
Amatohoza arabandanya.