🔵🔴 Raba ibitsindo vyabonetse mu rukino Uburundi bwatsinzwe na Ethiopie ibitsindo 2 kuri 1 .
AKEZA SPORTS
Bienvenue sur la page officielle d'AKEZA SPORTS. Your No.1 sports channel in Burundi.
30/05/2026
🔵🔴 Icigwa Intamba z'abigeme U17 zidusigiye inyuma y'inkino zo kurondera igikombe c'isi :
- Abigeme b'abarundi barafise impano y'umupira w'amaguru .
- Abigeme bacu bakina neza igice ca mbere ariko mu gice ca kabiri bica vyanka ( baba barushe ) .
- Abakinyi b'abarundi nta gihagararo kinini bafise ivyo n'ibisanzwe ni kamere k'abarundi ariko nta n'inguvu ziva ku myimenyerezo bafise.
-Uyu mugwi ufise abigeme bafise impano , bisabwa ko baguma bitabwaho neza .
Uwo ni umwihwezo wa Kaze Kelly Oirce inyuma y'urukino .
30/05/2026
🔵🔴 Ethiopie ihejeje gukuramwo Uburundi mu nkino zo kurondera itike y'igikombe c'abatarenza imyaka 17 !
FT : Burundi U17 1-2 Ethiopie U17
Mu nkino 2 , Intamba zatsinzwe ibitsindo 4 kuri mu gihe zatsinze ibitsindo 2.
🔵🔴 PSG vs Arsenal
Who will win the final?
30/05/2026
🔵🔴 Ethiopie U17 ihejeje gutsinda igitsindo ca kabiri !
Ku munota wa 75 , Abigeme ba Ethiopie bahejeje gutsinda igitsindo kibongereza amahirwe yo kubandanya mu muce ukurikira .
75' : Burundi U17 1-2 Ethiopie U 17 ( Aggr : Burundi 2-4 Ethiopie ).
30/05/2026
🔵🔴 Igice ca kabiri ntigitanguye neza ku Ntamba mu Rugamba z'abigeme !
Ethiopie U17 ihejeje gutsinda igitsindo ku munota wa 52 w'urukino .
60' : Burundi U17 1-1 Ethiopie U17
Urukino rurabandanya ,..
30/05/2026
🔵🔴 Amasanamu yo mu gice ca mbere !
Uburundi bwerekanye urugero rwiza , barashobora kwinjiza igitsindo ariko bahusha uburyo bwinshi .
30/05/2026
🔵🔴 Uburundi buri imbere mu gice ca mbere !
HT : Burundi U17 1-0 Ethiopie U17
Mu rukino rwa mbere , abigeme ba Ethiopie bari batsinze Uburundi ibitsindo 2 kuri 1 .
Kuri stade Intwari , abigeme b'abarundi bariko bakina neza cane ariko bamaze guhusha uburyo bwovamwo igitsindo incuro nyinshi.
Naho biruko, icizere ko Uburundi burengana kirahari .
30/05/2026
🔵🔴 Abakinyi 11 batanguye mu kibuga k'uruhande rw'umugwi nserukiragihugu wa Ethiopie w'abadashikana imyaka 17 .
20' : Burundi 1-0 Ethiopie
Urukino rurabandanya,...
30/05/2026
🔵🔴 Abakinyi 11 batanguye mu kibuga k'uruhande rw'umugwi nserukiragihugu w'Uburundi w'abadashikana imyaka 17 .
âš½Dancille Iranzi yamaze gutsinda igitsindo ca mbere c'Intamba ku munota wa 5 w'urukino .
30/05/2026
🔵🔴 Ibanga ry'itsinzi ni kwumvikana, gushira hamwe no kwitangira igihugu !
Intamba mu rugamba zirabandanya imyimenyerezo yo kwitegurira urukino rwa gicuti ruzohuza Uburundi na Guinée équatoriale itariki 4/06//2026 .
Abafana b'Intamba, mutangure gutera intege umugwi nserukiragihugu .
Click here to claim your Sponsored Listing.
Location
Category
Website
Address
Bujumbura