Top Sports Colombe FM

Top Sports Colombe FM

Share

All Sports 93.2 MHZ

16/07/2026

Mukaya isaha zitanu (11h00) duhurire kuri 93.2Mhz mu kiganiro c'inkino TOP SPORTS.

France na Angleterre babuze iki kugira bashike mu rukino rwa nyuma "FINALE" y'igikombe c'isi 2026.

🎙 Clebert Muhoza & Guy Destin

Photos from Top Sports Colombe FM's post 11/07/2026

IGIHUGU CA PEROU CARITUMIYE MURI "MUNDIAL 2026" BICIYE KURI ERLING HAALAND !

Inyuma ya Leo Lionel Messi, Cristiano Ronaldo, Lamine Yamal canke Neymal Jr basanzwe ari abakinyi ba Football bakomeye kw’isi yose, Erling HAALAND nawe yashikiriwe, k’umuvuduko udasanzwe, k’urutonde rw’abana bitirirwa amazina yabo mu gihugu ca Pérou.
Kuva igihugu ca Norvège gisezereye igihugu ca Brésil mu nkino z’igikombe c’isi Mundial 2026, abavyeyi benshi bariko baribaruka muri kino gihe mu gihugu ca Pérou, bashima kwita abana babo izina HAALAND, nk’uko vyamenyeshejwe na Ivan Torres asanzwe ajejwe igisata co kwandika mu gitabo c’ingo n’imiryango registre de l’état civil ku mboneshakure y’ico gihugu "PANAMERICANA TELEVISION".

Ivan Torres yamenyesheje ko izina rya kizigenza w’umugwi nserukiragihugu wa Norvège ryatanguye kugwira mu gihugu ca Pérou kuva inkino z’igikombe c’isi zitanguye, rica rikwira igihugu cose Norvège itsinze Brésil. Gushika ubu, abana 468 baramaze kwitwa izina Haaland harimwo 91 bitwa amazina yiwe yose ERLING HAALAND.

Kw’isi yose, abavyeyi benshi bakunda Football barita abana babo amazina y’abakinyi b’ibihangange, yamara mu gihugu ca Pérou ho birarenze. Uretse rero Erling HAALAND, igihangange Leo Lione Missi (Argentine) yitirirwa abana 3 402 harimwo 292 bitwa amazina yiwe yose Lionel MESSI.

Cristiano Ronaldo (Portugal) yitirirwa abana 1 181, Lamine Yamal (Espagne) nawe yitirirwa abana 1 241. Uwuza kw’isonga ni Neymar Junior (Brésil) ageze ku bana 33 809 bamwitirirwa.
FP

07/07/2026

Habuze iki kugira imirwi yo muri Afrika ishike kure mu gikombe c'isi?

Nivyo tuza kuganira mu kiganiro c'inkino TOP SPORTS co kuruyu wa kabiri, aho tuza guca irya n'ino uko bariko baritwara mu nkino z'igikombe c'isi 2026.

đź“» Ni isaha zitanu (11h00) kuri 93.2Mhz

24/06/2026

CM 2026: MBEGA IMIGWI IZOBANDAYA IGICE CA KABIRI C’IHIGANWA IZOTORWA GUTE ?

Igice ca mbere c’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose "MUNDIAL 2026" kirangiye, imigwi ibiri ya mbere mw’itsinda izoba ifise uburenganzira bwo kubandanya mu gice ca kabiri c’ihiganwa, ari co gice ca cumi na gatandatu gishira icanyuma. Ku bihugu mirongo ine n’umunani (48 pays) vyatanguye ihiganwa biri mu matsinda cumi na biri, hazoba hasigaye mirongo ibiri na bine (24) gusa. Ng’uku rero uko ibihugu umunani (8 pays) bizotorwa kugira ngo bikwire mirongo itatu na bibiri (32) bizokina ico gice ca kabiri c’ihiganwa :

Mu gihe inkino zigira gatata (3ème match) arizo zanyuma z’igice ca mbere c’ihiganwa zitangura kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 ruheshi 2026, ni ukurindira gushika ku musi w’Imana igenekerezo rya 28 ruheshi 2026, kugira ngo iyo migwi umunani izoba yafashe ikibanza ca gatatu (3ème place) imenyekane.

Mu gutora iyo migwi, ubwambere bazokwisunga ikibanza ca gatatu hamwe n’amanota. Ariko, iyo migwi ishobora kurenga umunani ikenewe. Mur’ico gihe, bazoca bisunga ubusumbasumbane bw’ibitsindo. Imigwi igumye inganya ari myinshi, hisungwa ibitsindo umugwi winjije. Hamwe iyo migwi yuguma inganya, bazokwinsunga amanota ya "FAIR-PLAY", bafatiye ku gitigiri c’ama cartons (jaunes na rouges) yahawe abakinyi canke abamenyereza mu gice ca mbere c’ihiganwa.

Ariko rero n’ubwo biri uko, hariho ibihugu nka Tunisie (Afrika), Haïti, Jordanie, Panama na Turquie vyamaze gusezererwa bitaranakina urukino rwovyo rwa gatatu. Impavu s’iyindi, n’uko hisunzwe ingingo zo guhitamwo ya migwi umunani myiza, nk’igihugu ca Haïti catsinzwe na Brésil (3-0) kigatsindwa kandi na Ecosse (1-0), hanyuma kikaba atanota gifise (0 point), n’ubwo ku gihamana cotsinda Maroc coca kironka amanota atatu, mu gihe Maroc co kimwe na Brésil vyamaze gukwiza amanota ane ane (4 points) mu nkino zibiri.

Mu gihe naho Ecosse cotsindwa na Brésil hanyuma Haïti igatsinda Maroc, ivyo bihugu bibiri vyoba bironse amanota atatu. Gusa, mugihe habayeho kuganya kw’ibihugu mu matsinda, urukino rwabibihuje "confrontations directes" nirwo ruca urubanza. Uko vyogenda kwose rero, Haïti yisanga mu kibanza ca kane (4e place); ico na co gituma umugwi uca utekera ibirago ubutarariye.
FP

23/06/2026

ISABUKURU NZIZA (39) K’UMWAMI W’IBITSINDO (18) MU NKINO Z’IGIKOMBE C’ISI

Lionel Messi, Umwami w’ibitsindo asanzwe kandi amaze gutsindira "ballon d’Or" incuro umunani yaraye agaragaje ko ari umukinyi adasanzwe, kandi afise ico asumvya abandi. Kuva aho akiniye urukino rwiwe rwa mbere rwahuje igihugu ciwe Argentine n’igihugu ca Algérie (3-0) mu nkino z’igice ca mbere z’igikombe c’isi "Mundial 2026" ni we yinjije ibitsindo vyose bitatu. Mu rukino rugira kabiri rwaraye ruhuje Argentine na Autriche (2-0) ni we nyene yinjije vyose bibiri, gutyo aba akwije ibitsindo cumi n’umunani (18 buts) aba akubise hasi record y’ibitsindo vynshi (16) yari isanzwe ifiswe na Miroslov Klose (Allemagne) kuva muri "Mundial 2014", igihe Allemagne yanyagira Brésil.

Yamara rero, ivya Football ni akayobera bahinga, kuko mur’urwo rukino rwamuhaye gukubita hasi iyo record ya Klose, Leo Lionel Messi yabanje guhusha Pénalty (9’) imbere y’uko yinjiza ivyo bitsindo bibiri (38’ & 95’+5) !

Leo Lionel Messi ash*tse kur’iyo ntambwe mu gihe buca ahimbaza isabukuru yiwe y’imyaka mirongo itatu n’icenda (39 ans) kur’uyu wa 23 ruheshi 2026. Urugendo rw’ibitsindo mu nkino z’igikombe c’isi "Mundial" yarutanguye mu mwaka wa 2006, afise imyaka 19 gusa, akaba yarinjije igitsindo kimwe. Muri 2010 nta gitsindo yaronse. Muri 2014 Messi yaronse ibitsindo bine (4) ico gihe Argentine yash*tse muri final itsindwa na Allemagne. Muri 2018, Yinjije igitsindo kimwe gusa. Muri 2022, igihe Argentine itwara igikombe i Qatar, Leo Lionel Messi yinjije ibitsindo indwi (7 buts).

Imbere y’uko inkino z’igikombe c’isi yose "Mundial 2026" zitangura n’imbere y’uko Leo Lionel Messi atsinda ibitsindo bitanu (5) mu nkino zibiri gusa, yari afise ibitsindo cumi na bitatu (13). Vyose hamwe yaraye akwije cumi n’umunani (18 buts) mu nkino mirongo ibiri n’umunani (28 matchs) mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri (20). Nta nkeka ko azokwinjiza n’ibindi kuko iri higanwa yaritanguranye ishaka ryinshi n’ubutwari.

Isabukuru nziza kuri Leo Lionel Messi (La Pulga) ashobora gusozerera urugendo rwiwe rw’ibitsindo kur’iyi "Mundial 2026". Yamara, ntawobimenya kuko aguma yiyubura ! Twobibutsa yuko kugira ngo yemere gukina izi nkino z’iki gikombe c’isi ziriko zirabera muri Mexique, Canada na Amerika, vyatumwe n’uko yigenjeje neza cane mu mugwi wiwe wa Inter Miami ; nk’uko avyivugira we nyene.
FP

Photos from Radio Colombe FM's post 30/05/2026

Uburundi buhejeje gusezererwa na Ethiopia mu nkino zo kurondera itike y'igikombe c'isi ku batarenza imyaka 17 !

FT: 🇧🇮 BURUNDI 1-2 ETHIOPIA 🇪🇹

Mu rukiko rwabaye kuruyu wa gatandatu, Intamba z'abigeme batarenza imyaka 17 ziserewe mu@ gutsindwa ibitsindo 2-1, mu gihe urukino rwa mbere batsinzwe 2-1 nyene mu rukino rwabereye i Addis-Abeba.

Mu nkino 2, Ethiopia itsinze ibitsindo 4-2 Uburundi.

📸 RVE

Photos from Top Sports Colombe FM's post 21/05/2026

UMUMENYEREZA UNAI EMERY "UMWAMI" WA EUROPA LEAGUE

Umumenyereza Unai Emery yaraye afashije umugwi wa Aston Villa (Angleterre) gutwara igikombe cawo kigira kabiri mw’ihiganwa ryo k’umugabane w’iburaya mu gutsinda Fribourg (3-0), ku kibuga "Besiktas stadium" kiri mu gisagara c’i Istanbul, mur’iri joro ryakeye; inyuma y’imyaka mirongo ine n’ine (44 ans) utwaye igikombe cawo ca mbere utsinze umugwi wa Bayern Munich (Allemagne), hari mu kwezi kwa rusama 1982. Gutyo, umumenyereza Unai Emery yamuka muri Espagne nawe aba agize « record » mu gutwara igikombe kigira gatanu.

Igitsindo ca mbere cinjijwe na Youri Tielmans aronse umupira wabanje guca kuri Morgan Rogers, kuri corner y’ubuhinga yatewe na Lucas Digne (1-0, 41’). Mu minota y’inyongera y’igice ca mbere, Emiliano Buendia aba yinjije ica kabiri (2-0, 45’+3), k’umupira mwiza yari ahawe na kizigenza wiwe yaranze rukino John Mc Ginn. Ica gatatu co guhohosha cabonetse giciye kuri Morgan Rogers, ahawe umupira mwiza cane na Lucas Digne (3-0, 58’).

Umugwi wa Aston Villa uronse igikombe wari ugikumbuye, kandi ugishashaye cane, kuko wari umaze kugihusha kane kose "Coupe de la Ligue/2010 & 2020" hamwe na "Coupe d'Angleterre/2000 & 2015". Ariko, waheruka igikombe ca "Coupe de la Ligue" mu mwaka w'i 1996.

Inyuma yo gukorokera mu cicaro ca kabiri "Championship" mu mwaka w’i 2016, umugwi Aston Villa ntiwatevye kugaruka mu cicaro ca mbere "Premier League" muri 2016, none urisubije umutamana mu migwi ikomeye kw’isi, ubifashijwemwo cane n’umumenyereza Unai Emery, amaze imyaka ine awush*tsemwo.

Inyuma yo gushika mu gice ca kabiri gishira icanyuma (½ finale) ya "Ligue Conférence" muri 2024, no mu gice ca kane gishira icanyuma (1/4 finale) ya "Ligue des champions" mu mwaka uheze 2025; Unai Emery atwaye "Ligue Europa" mu 2026 ari kumwe na Aston Villa. Iki gikombe gikwije bitanu (5) gitumye aba UMWAMI wa Ligue Europa. Yari amaze gutwara ibikombe bitatu (3) ari kumwe n’umugwi wa Séville (Espagne) n’ico (1) yatwaye ari kumwe na Villarreal (Espagne).

Wari umunezero mwinshi cane mu bakunzi ba Aston Villa, abakinyi bose na cane cane umumenyereza Unai Emery. FP

Photos from Top Sports Colombe FM's post 20/05/2026

INYUMA Y’IMYAKA 22 MIKEL ARTETA ARASUBIJE UMUTAMANA ARSENAL

Ahanini, intsinzi ya Arsenal bayikesha Mikel Arteta. Igihe yashika muri Arsenal mu mwaka (2019) agomwe kuba umumenyereza mukuru avuye muri Manchester City, aho yari icegegera ca Pep Guardiola, yash*tse abiba imbuto y’umwizero n’intsinzi. Benshi bavuga ngo ntazoharagama co kimwe na Unai Emery yarasubiriye yirukanywe amaze umwaka umwe n’igice gusa !

Ico gihe, nta burambe mu vyo kumenyereza yari afise, kandi umugwi wari mu kibanza kitawubereye (8è place), yamara we yash*tse avuga ijambo ryaremesheje abakinyi hamwe n’abakunzi b’umugwi, ati : « Umwe wese ahamariwe kwitanga tugatwara ibikombe, ahandi ho ivyo twokora vyose nta co vyoba bimaze. Nemeye mbere gutanga akama kanyuma k’amaraso yanje.»
N’ubwo Arsenal yari mu bihe bibi kuko yari mu kibanza c’i 10 inyuma y’inkino 17 z’ihiganwa, ifise intsinzi imwe gusa mu nkino 12 yaheruka gukina, Mikel Arteta yash*tse yifitiye icizere cinshi co kunagura umugwi akunda kandi yakiniye inkino zababa 150 akiri umukinyi, mu myaka itanu, hagati ya 2011 na 2016.

Mugusubira guha igikombe Arsenal, Mikel Arteta arakurikije iragi rya Arsène Wenger yatanze umunezero ku bakunzi b’umugwi mu kiringo c’imyaka irenga mirongo ibiri (1996-2018), kuko niho baheruka gutwara igikombe.

Mu ntumbero yo gushika kw’ihangiro, Mikel Arteta yash*tse afata ingingo ziremereye, harimwo gusezerera abakinyi b’ibihangange ntakorwako (stars), nka Pierre-Emerick Aubameyang na Mesut Özil.

Arinze rero atanga umunezero wo gutwara igikombe yabanje gufata akanya ko kwubaka bushasha. Yatanguye kuduza umugwi buke buke awukura mu kibanza c’i 10 yawusanzemwo awushira mu kibanza c’u 8 imyaka ibiri ikurikirana, hanyuma awugeza mu kibanza ca 5. Yahavuye aronswa abakinyi yari yipfuje cane, ari bo Martin Odegaard (2021), umunyegori David Raya na Declan Rice (2023), umusatirizi akomeye Viktor Gyökeres (2025), hamwe rero n’abandi n’abandi, kandi bazanye inguvu nyinshi bagashikana umugwi mu kibanza ca kabiri gatatu.

Mbere, uyu mwaka abo bakinyi batwaye igikombe baterekanye umupira mw’iza w’isuku nk’uwo bakina mu myaka ibiri canke itatu iheze ! Yamara, ishaka, ubutwari, inguvu n’ubuhizi batanguranye ihiganwa n’ivyo bibashikanye kw’ihangiro.

Mu kurindira urukino rukomeye (final) ruzobahuza na Paris Saint Germain (France), kw’igenekerezo rya 30 rusama 2026 i Budapest mw’ihiganwa rya "ligue des champions/UEFA", urukino rusozera ihiganwa rya "Premier League (Angleterre)" ruzobahuza na Cristal Palace, kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 24 rusama 2026, bazorukina umutima uri munda, amaso ahanze igikombe, amaboko nayo arindiriye kugiterura; bongera barerura umumenyereza wabo Mikel Arteta mu munezero mwinshi imbere y’abarorerezi babo benshi, uhereye ku bana bato gushika ku batama n’abatamakazi.

Iyo Manchester City irara itsinze Bournemouth (1-1/37è j), n'ubwo Arsenal yari yatsinze Burnley (1-0/37è j) mw’ijoro ry’umusi wa mbere, yategerezwa kurindira umusi wanyuma w’ihiganwa (38è j).

Tubibutse ko Arsenal yaheruka gutwara igikombe c’ihiganwa rikuru mu mwaka w’ibihumbi bibiri na kane (2004). FP

19/05/2026

INTAMBA MU RUGAMBA ZIZOBANZA GUTSINDA IMIGWI NSERUKIRAGIHUGU ITATU IMBERE YO KURONKA UBURENGANZIRA BWO GUKINA INKINO ZANYUMA (PHASE FINALE) ZA CAN 2027.

Mu migwi nserukiragihugu itatu yatomboje INTAMBA MU RUGAMBA, umugwi nserukiragihugu wa Algérie niwo utinyitse. Yamara, n’iyindi ntihobahoba. Kugira ngo Uburundi busubire muri CAN ku ncuro igira kabiri, butegerezwa gufata ikibanza ca mbere canke ica kabiri mu nkino zitandatu zo gukuranakuramwo zizozihuza na Alégerie, Zambie hamwe na Togo. Ng'uku uko ibihugu vyatomboranye :
Groupe A : Maroc, Gabon, Niger, Lesotho
Groupe B : Egypte, Angola, Malawi, Soudan du Sud Groupe C : Côte d'Ivoire, Ghana, Gambie, Somalie Groupe D : Afrique du Sud, Guinée, Kenya, Érythrée Groupe E : RD Congo, Guinée équatoriale, Sierra Leone, Zimbabwe Groupe F : Burkina Faso, Bénin, Mauritanie, République Centrafricaine Groupe G : Cameroun, Comores, Namibie, Congo Groupe H : Tunisie, Ouganda, Libye, Botswana Groupe I : Algérie, Zambie, Togo, Burundi Groupe J : Sénégal, Mozambique, Soudan, Ethiopie Groupe K : Mali, Cap-Vert, Rwanda, Liberia Groupe L : Nigeria, Madagascar, Tanzanie, Guinée-Bissau

Tombola yabaye kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 19 rusama 2027, yatanze imigwi cumi n’ibiri (12 groupes). Ibirori vyari bihagarikiwe n’ibihangange wya Football ya Afrika, nka Trésor Mputu (RD Congo), Max-Alain Gradel (Côte d’Ivoire), William Troost-Ekong (Nigeria) na Essam El Hadary (Egypte).

Ibihugu mirongo ine n’umunani (48 pays) Uburundi burimwo nivyo bizohiganirwa ibibanza bibiri vya mbere bitanga uburenganzira bwo gushika mu gica canyuma (final). Yamara, imigwi nserukiragihugu yatomboye Tanzanie, Ouganda canke Kenya yo izohiganirwa ikibanza kimwe rudende gitanga uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa, kuko ivyo bihugu bitatu arivyo bizokwakira inkino za CAN 2027 biza vyaramaze kuronka uburengazira. Izo nkino zizokinwa hagati y’amagenekerezo ya 19 ruheshi 2027 na 17 mukakaro 2027.

Tubibutse ko umumenyereza Sangwa Mayani Patrck yemanze ko ategerezwa gushikana Uburundi muri CAN 2027. Tumwipfurije gushika kur’iryo hangiro, kandi birashoboka kuko we n’abamufasha hamwe n’abakinyi bose basenyera k’umugozi umwe.

Twobamenyesha kandi yuko kur’uyu wa 19 rusama 2027, INTAMBA MU RUGAMBA z’abigeme batarenza imyaka cumi n’indwi (u17) zafashe urugendo zerekeza mu gihugu ca Ethiopie, aho twizeye ko abo barundikazi bazokwigenza neza nk’uko bigenjeje neza imbere y’igihugu ca Malawi.
FP

19/05/2026

INTAMBA MU RUGAMBA ZIZOBANZA GUTSINDA IMIGWI NSERUKIRAGIHU ITATU IMBERE YO KURONKA UBURENGANZIRA BWO GUKINA INKINO ZANYUMA (PHASE FINALE) ZA CAN 2027.

Mu migwi nserukiragihugu itatu yatomboje INTAMBA MU RUGAMBA, umugwi nserukiragihugu wa Algérie niwo utinyitse. Yamara, n’iyindi ntihobahoba. Kugira ngo Uburundi busubire muri CAN ku ncuro igira kabiri, butegerezwa gufata ikibanza ca mbere canke ica kabiri mu nkino zitandatu zo gukuranakuramwo zizozihuza na Alégerie, Zambie hamwe na Togo. Ng'uku uko ibihugu vyatomboranye :
Groupe A : Maroc, Gabon, Niger, Lesotho
Groupe B : Egypte, Angola, Malawi, Soudan du Sud Groupe C : Côte d'Ivoire, Ghana, Gambie, Somalie Groupe D : Afrique du Sud, Guinée, Kenya, Érythrée Groupe E : RD Congo, Guinée équatoriale, Sierra Leone, Zimbabwe Groupe F : Burkina Faso, Bénin, Mauritanie, République Centrafricaine Groupe G : Cameroun, Comores, Namibie, Congo Groupe H : Tunisie, Ouganda, Libye, Botswana Groupe I : Algérie, Zambie, Togo, Burundi Groupe J : Sénégal, Mozambique, Soudan, Ethiopie Groupe K : Mali, Cap-Vert, Rwanda, Liberia Groupe L : Nigeria, Madagascar, Tanzanie, Guinée-Bissau

Tombola yabaye kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 19 rusama 2027, yatanze imigwi cumi n’ibiri (12 groupes). Ibirori vyari bihagarikiwe n’ibihangange wya Football ya Afrika, nka Trésor Mputu (RD Congo), Max-Alain Gradel (Côte d’Ivoire), William Troost-Ekong (Nigeria) na Essam El Hadary (Egypte).

Ibihugu mirongo ine n’umunani (48 pays) Uburundi burimwo nivyo bizohiganirwa ibibanza bibiri vya mbere bitanga uburenganzira bwo gushika mu gica canyuma (final). Yamara, imigwi nserukiragihugu yatomboye Tanzanie, Ouganda canke Kenya yo izohiganirwa ikibanza kimwe rudende gitanga uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa, kuko ivyo bihugu bitatu arivyo bizokwakira inkino za CAN 2027 biza vyaramaze kuronka uburengazira. Izo nkino zizokinwa hagati y’amagenekerezo ya 19 ruheshi 2027 na 17 mukakaro 2027.

Tubibutse ko umumenyereza Sangwa Mayani Patrck yemanze ko ategerezwa gushikana Uburundi muri CAN 2027. Tumwipfurije gushika kur’iryo hangiro, kandi birashoboka kuko we n’abamufasha hamwe n’abakinyi bose basenyera k’umugozi umwe.

Twobamenyesha kandi yuko kur’uyu wa 19 rusama 2027, INTAMBA MU RUGAMBA z’abigeme batarenza imyaka cumi n’indwi (u17) zafashe urugendo zerekeza mu gihugu ca Ethiopie, aho twizeye ko abo barundikazi bazokwigenza neza nk’uko bigenjeje neza imbere y’igihugu ca Malawi.
FP

Want your business to be the top-listed Gym/sports Facility in Bujumbura?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Category

Telephone

Website

Address


Bujumbura
783