16/01/2025
😪Kwiyahura kubera yatwaye inda ariko uwayimuteye akamwihakana nivyo vyabaye kuri uyu mwigeme akiri muto.
Imbere yo kwiyaka ubuzima yabanje kwandika ikete rirerire aserura uko vyagenze. Amwe mu majambo yanditse ni:
😪Mpisemwo kwiyahura kuko nta wundi muntu nigeze nemera ko dukora imibonano mpuzabitsina, ndemeye gupfa kuko nta wundi muntu nkeneye mu buzima bwanje atari Roger. Waragerageje kumpa imiti ngo tuyikorore ariko Imana irakinga. Umbwira kuja kuyikingiza, Imana irakinga. Rero kuko atawe mfise n'umwe noganyira amaganya mfise atari Roger, ndahisemwo gupfa kubera urukundo.
😨Bigeme mwirinde kwitaba umuhungu mu masaha y'umugoroba, mu kuja mu kabare kunywa, mu kuja mu mahoteri, mu kuja mu mumashamba kuko muba muriko mukwegera ikara mu mpuzu kandi umuhungu azogusaba kuryamana nawe, ntuze ubimwemerere kuko ico aba akaneye ni uko muryamana, kandi mumaze kubikora agenda aguhimvye akaja guhiga uwundi mushasha. Ndasavye imbabazi abavyeyi banje kuko ndabateye agahinda nk'ako kose. Bavyeyi, mumbabarire natuntuye kuva kera, ni yo mpamvu mfashe iyi ngingo.
😙Ndashimiye abagiye barantabara ibibazo nagiye ndacamwo, Imana ibahezagire. Jewe Annick, ndemeye umuriro kubera umukunzi wanje kuko mu mutima wanje nta wundi nigeze ndahashira, nta wundi nigeze nryamana nawe, nta wundi nigeze nkurikira ngaheba vyose kubera we uretse uwo nkunda Roger umugabo wanje, uze usigare amahoro kandi ndakwipfurije kuzogira umugore mwiza, ureke jewe imaraya, no gutunganirwa ubuzima bwawe bwose.
Musomyi, yakoze ikintu gitahuritse?
28/04/2023