01/06/2026
🔴 Umugwi nserukiragihugu w’Intamba mu rugamba urabandanya imyiteguro y’urukino ruzohuza Uburundi na Guinea Equatorial muri Maroc 🇲🇦.
📷AkezaSports
AH257
Amakuru y’umupira w’amaguru mu Burundi
(Actualité du football burundais ).
01/06/2026
🔴 Umugwi nserukiragihugu w’Intamba mu rugamba urabandanya imyiteguro y’urukino ruzohuza Uburundi na Guinea Equatorial muri Maroc 🇲🇦.
📷AkezaSports
AH257
01/06/2026
🔴 Ishirahamwe Fondation Pax Burundi ryashize ahabona ikete rigena Umumenyereza BIMENYIMANA Robert kuba ariwe agiye kumenyereza umugwi wa Panthère Noir waduze icicaro ca mbere c’umupira w’amaguru mu Burundi . Uzokina umwaka w’inkino wa 2026-2027 .
fans
AH257
31/05/2026
🔴 Umugwi wa Panthère Noir amaguru yose mucicaro ca mbere .
Mu rukino rugira kabiri rwakiniwe ku kibuga Intwari kur’uno wa 31/5/2026 , Panthère Noir utsinze Amasipiri Never Give up ibitsindo 4 ku 0. (Aggr 5-0) duteranije igitsindo 1 ku 0 watsinze i Makamba mu rukino rwa mbere . Uwo mugwi wegukira Fondation Pax Burundi watsindiye agashirukabute k'imiriyoni 12 z'amarundi ( 12.000.000 bif) .
FT : Amasipiri Never Give Up 0-4 Panthère Noir
⚽ Claude Niyomwungere
⚽Sympatique Majidi
⚽ Égide Dushime
⚽Claude Niyomwungere
fans
AH257
31/05/2026
🔴 Umugwi wa Aigle Noir Cs wamaze gushira ahabona imyambaro izokoresha mu mwaka w’inkino wa 2026-2027 mu nkino za Primus ligue hamwe na CAF Champions league . Ayandi makuru dukesha Uburongozi n’uko kw’igenekerezo rya 10 Ruheshi 2026 atagihindutse bivanye n’ibiganiro aho bigeze hazoshirwa ahabona abandi bakinyi 6 basigaye kugira bakwize urutonde rw’abazokoreshwa . Hakaba hasigaye :
1. Umunyegori 1
2. Abamyugariro 2
3. Abasatirizi 3
fans
AH257
30/05/2026
🔴 Uburundi buhejeje gusezererwa na Ethiopia mu nkino zo kurondera itike yo gukina inkino za nyuma z’igikombe c’isi ca 2027 kubadashikana imyaka 17 .
🇧🇮 Burundi 1-2 Éthiopie 🇪🇹( Aggr 2-4)
8' Dansil Iranzi / 53' Miseret Ayele
/ 73' Lidia Yasu
📷AkezaSports
AH257
30/05/2026
🔴 Ntagusiba… Twese kuri stade Intwari gushigikira abigeme bacu . Pourtour ni kwa gusa , ntampamvu yo gusiba .
Burundi Vs Éthiopie , 15h00’
🇧🇮💪🏽
30/05/2026
🔴 Imigwi nserukiragihugu y’Uburundi na Ethiopia y’abadashikana imyaka 17 yakoze imyimenyerezo ya nyuma ku kibuga Intwari kuwa 29/5/2026 .
Abakunzi b’intamba mu rugamba basabwa kwerekana ubutwari , basabwa gushika ku bwinshi na burya ´Pourtour’ ari kwinjira batarishe kugira bakome induru , bashigikire abana b’igihugu kuva ku munota wa mbere gushika ku munota wa nyuma . Bisaba ko Intamba mu rugamba zitsinda 1-0 , 2-0 canke 3-1 kugira Uburundi bubandanye mu nkino zibiri za nyuma zo kurondera itike yo kwitabira igikombe c’isi ca 2027 kizobera muri Maroc . Uburundi bugatsinda 2-1 hazoca hakurikira « Tirs aux buts ».
Pourtour : kwa gusa , free ✅
Tribunes VIP : 20.000 FBU ✅
VIP: 50.000 FBU ✅
29/05/2026
🔴 Ethiopia w’abadashikana imyaka 17 urabandanya imyiteguro y’urukino rwo gusubiriza n’Uburundi U17 kur’uno wa Gatandatu , igenekerezo rya 30/5/2026 ku kibuga Intwari . Urukino rwa mbere rwarangiye Ethiopia utsinze Uburundi ibitsindo 2 kuri 1 i Addis abeba.
📷Ethiopian Football Federation
fans
AH257
29/05/2026
🔴 Imyimenyerezo y’Intamba z’abadashikana imyaka 17 yitegurira Ethiopia mu rukino rwo gusubiriza urabandanya ukuri kwamye ku kibuga Intwari .
📷Intamba mu Rugamba officiel
fans
AH257
29/05/2026
🔴 Umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba urabandanya imyiteguro y’urukino rwakivandimwe na Nzalang National (Guinea Equator) kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2026 i Marakech . Guinée Équatoriale uri mu kibanza c’i 105 , Uburundi bukaba buri muc’i 142 murutonde ngarukakwezi rwa FIFA uko imigwi isumbana amanota. Saido BERAHINO yafashije Uburundi kuronka itike ya mbere ya CAN 2019 ubu ari muri Staff technique ya Patrick SANGWA Mayani .
📷AKEZA SPORTS
fans
AH257
Intamba mu Rugamba officiel