Kedo257

Kedo257

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Kedo257, Stadium, arena & sports venue, Bujumbura.

27/06/2025

Ikirangaminsi c'inkino z'umunsi wambere casohotse muri Ligue 1, ariko Paris Saint Germain urashaka guhinduza itarike zo gukinirako !

N'uku inkino zizokinwa kumunsi wambere w'ihiganwa muri Ligue 1 :

— Rennes Vs. Marseille
— Lens Vs. Lyon
— Brest Vs. Lille
— Nice Vs. Toulouse
— Angers Vs. Paris FC
— Metz Vs. Strasbourg
— Auxerre Vs. Lorient
— Monaco Vs. Le Havre
— Nantes Vs. Paris SG

Izi nkino zambere, zizokinwa muri weekend y'igenekerezo rya 15-17 ry'ukwezi kwa 8.

MN : Ivya Lyon ntibirahera, niyo mpamvu uri muri kino kirangaminsi.

Paris Saint Germain wasavye ko wo wohindurirwa igenekerezo wokinirako urukino rwambere.

Babisavye kumpamvu zibiri : Inkino bariko bakina mugikombe c'isi babona bashobora kugera kure, urukino bazokina na Tottenham muri Super Coupe de l'UEFA igenekerezo rya 13/8

IGISABO CABO CEMEWE ✅🇫🇷

Umwanditsi Kedo257

Photos from Kedo257's post 13/03/2025

🚨🚨 Stade Intwari yatanguye gushirwako Umusezero w’ikizungu ( Synthétique )

🔷 Iyi Stade ishobora kwugururwa icese mu kwezi kwa Ruheshi hakaba n’ibirori vyo kuyugurura bishobora guherekezwa n’urukino rwa Kivandimwe rw’Intamba mu rugamba .

🔷 Iyi Stade Nyene niyo izokwakira urukino rwo kurondera itike y’igikombe c’isi ruzohuza Uburundi na Kenya mu kwezi kw’icumu ( 10)

🔷 Akajambo kamwe kuri Stade Yacu twiyubakiye nk’Abarundi .

#
#
#

Photos from Kedo257's post 13/03/2025

🔴 Carlo Ancelotti : « Twaragize amakenga k'umukinyi yotera pénalty ya gatanu hagati ya Rüdiger 🇩🇪 na Endrick 🇧🇷. Hanyuma , nabonye ishusho ya Endrick uko ameze, niko guca mpindura ndayiha Rüdiger. 🥶 »

# # # follow me plea

05/03/2025

🔵🟣🤯 Ntibisanzwe !!! Osasuna yateguye kuzokoresha bamyugariro 5 murukino rukurikira izokina na Barcelona 😂

Osasuna ngo mumyimenyerezo yuno musi bakoze yokwitegurira urukino rukurikira muri Laliga bazokina na Barcelona bamye bakoresha umukenyuro ugizwe nikibambazi cabakinyi 5 bazozibira inyuma

Ngo Samedi i Monjuic Osasuna yoba izoza ikina Jeu yo kuzibira bikomeye Barcelona
Abafana ba Barça mwakiriye gute inonkuru❗❗❗

✅Mundo Depoltivo

Ndabasabe mukomeze kugira suivre j'aime na partage kwino page mbandanye kubaha amakuru ashushe

03/03/2025

🚨🚨 Vinicius Junior yari mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kugira ngo avuge k'urukino bazokina ejo na Atlético muri Champions League :

Inkino 300 washikanye uri muri Real Madrid, watwaye ibikombe bibiri Vya Champions League ubu uri kapiteni... Urufunguzo rw’ejo ni uruhe?

Viní Junior: 🗣️'' Ndiko ndashikirwa n'ibintu bihambaye mwuyu mwambaro ,ndiko ndatuma indoto zanje ziranguka. Twatanguye gukina neza inyuma y'urukino na Manchester City . Nizigiye ko abafana bazoba bari kumwe natwe kandi ko tuzotanga ivyo dushoboye vyose kugira ngo twerekane urukino rwiza Imbere y'abafana bacu".

Woba wumva uryohewe cane n’ubusifuzi bw’i Buraya, nka Ancelotti?

Viní Junior: 🗣️'' Ego, kuko mu Buraya, abasifuzi barwanira cane abakinyi bakina bishiramwo utugenegene . Ntidukunda kuvuga ivy'abasifuzi, ariko birahambaye kuri twebwe ko basifura neza"

Ubusabe bwo muri Arabie, nivyo canke woba wipfuza kongereza amasezerano muri Real Madrid C.F. ?

Viní Junior: 🗣️'' Ndatuje cane kuko mfise amasezerano gushika muri 2027 kandi nizigiye ko nzoshobora kuyongereza vuba kuko hano ndanezerewe. Abantu bose barankunda kandi baranshima cane. Sinshobora kuba ahantu heza kurusha hano".

Nk'abafana ba Real Madrid hari icizere wobaha kuzobandanya ngaha utitaye k'ubusabe uko bungana gose bazoguha ?

Viní Junior: 🗣️'' Ndi hano kugira mbandanye nandika amateka , ivyo president ndetse n'umugwi bampaye . Nizigiye ko nzobandanya gutsinda ibitego no gukina inikino nyinshi muri mur'uyu mwambaro . Natsindiye vyinshi ariko ndashobora kubandanya ntsinda n'ibindi vyinshi hama nkaja muri kahise k'uyu mugwi nk'abndi bakinyi baba Légendes ."

Woba wumvise ubabaye inyuma yokudatahukana umupira w’inzahabu?

Viní Junior : 🗣️'' Oya, abantu batora ivyo biyumvira. Ndafise ivyiyumviro vyanje. Sinigeze ndota ntsindira umupira w’inzahabu, iyo uri hafi, uravyemera, ariko nzoronka ayandi mahirwe. Naramaze gutsinda ibikombe bibiri Vya Champions League kandi ndi hano kugira ngo ntsinde n'ibindi vyinshi".

Ni nde yaf

11/02/2025

🛑🚨⚠️OFFICIAL: VINI JR niwe atahukanye agashimwe k'umukinyi yaranze urukino rwa Man City vs Real Madrid 🇧🇷✨⭐

11/02/2025

: FT 🔛 Manchester City 2-3 Real Madrid 🤗

Haaland ⚽️⚽

Mbappe ⚽
Brahim Diaz ⚽
Bellingham ⚽

Real Madrid ikoze akazi katoroshe imbere y'abafana ba Manchester City 🤌🏽🤓 😎

Manchester City nyene biranse ko irokora amagara ya Sergio Kin Aguero 🤔

Urukino rwo gusubiriza ni mu ndwi iza ku wagatatu ✌🏽🌟

07/02/2025

🛑🚨⚠️BREAKING: VINICIUS JR hamwe n'abamuhagarariye banse ubusabe bwa mbere bwa REAL MADRID bwo kongereza amasezerano❌ 😳👀

VINI JR asanzwe ahembwa imiriyoni 15€ ku mwaka inyuma yo gutahukana FIFA THE BEST, amahera angana nayo Mbappe ahembwa

Umugwi wamwemereye kumwongerereza uwo mushahara mu masezerano mashasha ariko uwo bamwemereye yawanse ❌

Ibiganiro bigiye kubandanya !!

[ Mario Cortegana / The Athletic ]

Photos from Kedo257's post 06/02/2025

🛑👋 OFFICIAL ! Abikoze imbere Yuko incuti yiwe Cristiano Ronaldo abikora 🥹 Arahagaritse ivyo gukina football

🚨MARCELO yafashe ikiruhuko c'izabukuru mu mupira w'amaguru ku myaka 36 🇧🇷👋🏽

🏟️ Inkino : 721
⚽ Ibitsindo : 58
🎯 Amapasi avamwo ibitsindo : 117
🏆 Ibikombe : 31

Umwe muri ba myugariro bo k'uruhande rw'ibubamfu ba mbere beza umupira w'amaguru wabonye !

🇧🇷 Marcelo, a legendary career:

🔹 Au Real Madrid (2007-2022) :
🔥 16 seasons
🏆 25 titles
🥇 5 Champions Leagues
🏆 6 League
🏆 2 King's Cups
🏆 5 Spanish Super Cups
🌍 4 Club World Cups
🏆 3 UEFA Super Cups

🔹 With Fluminense (2005-2006 & 2023) :
🏆 1 Brazilian Cup (2023)
🏆 1 Liberators Cup (2023)

🔹 With Brazil 🇧🇷 :
🥇 Gold medal at the 2012 JO
🥈 Silver medal at the 2008 JO
🏆 1 Confederations Cup (2013)

A legend goes! 👏👑 Thank you, Marcelo ! 🤍✨

05/02/2025

🛑🚨Isabukuru nziza y'amavuko, CRISTIANO RONALDO DOS SANTOS AVEIRO 🐐 👑✨

🏟️ Inkino : 1261
⚽ Ibitsindo : 923
🎯 Amapasi avamwo ibitsindo : 257
🏆 Ibikombe: 35
🥇Ballon D'or : 5
🥇 Umukinyi w'umwaka wa FIFA: 4
👟 Ibirato vy'inzahabu: 4
🥇Puskas Award: 1

- Umukinyi wenyene amaze kwinjiza ibitsindo 900 muri kahise k'umupira w'amaguru

- Umukinyi wa mbere amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi vyo mu migwi nserukirabihugu

- Umukinyi wa mbere amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi muri Champions League

- Umukinyi wa mbere amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi muri EURO

- Umukinyi wa mbere amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi muri Real Madrid no mu mugwi nserukiragihugu wa Portugal

Ninawe mukinyi wenyene amaze kwinjiza ibitsindo 50+ muri sezo zitandatu zikurikirana 🤯

Nta gihe gisigaye ngo abe umukinyi wenyene amaze kwinjiza ibitsindo 1000 mu mupira w'amaguru

🗣️PELE (muri 2014) : ata gukekeranya, Cristiano Ronaldo niwe mukinyi wa mbere mwiza kw'isi

🗣️VAN BASTEN: Iyaba ari gucenga abakinyi, Ubuholandi buba bufise Ibikombe vy'isi 2 kubera ivyo Johan Cruyff yakora. Umbwiye mpitemwo hagati ya Messi na Ronaldo, notora Ronaldo kuko ni umukinyi yuzuye

🗣️FIGO: Abandi bakinyi bakeneye abo bakinana beza kugira bigenze neza. Ariko Cristiano ico akeneye ni umupira gusa

🗣️ZIDANE : Kuri jewe Ronaldo niwe wa mbere mu mateka. Ibiharuro ubwavyo birivugira

🗣️ANCELOTTI: Iyo ufise Ronaldo m'umugwi wawe, bisa nko gutangura urukino ufise igitsindo kimwe

🗣️BECKHAM: Vyantwaye imyaka myinshi ndondera ijambo ryosigura Ronaldo ariko nararibuze. Ntasiguritse

🗣️WILL SMITH: Naho warikuzana abashakashatsi nka Newton canke Einstein, ntibari gushobora gusigura ibitangaza vya Ronaldo

🗣️JOHN CENA: Ndamutse mvuze abakinyi ba mbere kw'isi, notangurira kuri Ronaldo, nkarangiriza kuri Ronaldo

🗣️TORRES: FIFA yarikwiye gushiraho ayandi mategeko, umugwi wose ufise Ronaldo ugakina ari abakinyi 6 hamwe nawé w'i 7

🗣️HARRY KANE: kuri jewe, Cristiano niwe wa mbere kw'isi. ntabeshe, nshaka gushika ku rwe

Want your business to be the top-listed Gym/sports Facility in Bujumbura?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Website

Address


Bujumbura