31/03/2026
Ni 💥
🛑🚨⚠️Ukuntu abafana bose baca batera induru igihe cose Girumugisha afashe umupira ! Wow 🤯✨
Iki nico cerekana Superstar ico arico ! ⭐
He has the streets 🥶
Dutangaza amakuru y'inkino mu Burundi no hanze
31/03/2026
Ni 💥
🛑🚨⚠️Ukuntu abafana bose baca batera induru igihe cose Girumugisha afashe umupira ! Wow 🤯✨
Iki nico cerekana Superstar ico arico ! ⭐
He has the streets 🥶
22/06/2025
⏳Mutombola ngo agiye kwitwarira Inter Star ⚽
⚠️ Inyuma yo kwagirizwa na Inter Star y’uko ariwe yabujije Youssouf Ndayishimiye na Bon Fils Caleb munyuma akaza kubihakana, Umumenyereza Alain Olivier Niyungeko Mutombola agiye kwitwarira Inter Star .
❇️ Imvo itumye yitwarira Inter Star ni amafaranga y’igurwa ryiwe ( Frais de Récrutement) hamwe n’amafaranga y’imishahara ( Salaires) uyo mugwi umufitiye.
🗣️“ Mutombola ati” Inter Star baranyagirije y’uko ari jewe nabujije Youssouf Ndayishimiye na Caleb kugura Inter Star mugihe Ari jewe nari nabazanye kugira bafashe uwo mugwi “
🗣️“Inter Star ntishima , namenyereje Saison yose ita mpemba , yampemvye rimwe gusa , bamperaniye umushahara w’imiriyoni 16 z’amarundi hamwe n’amafaranga imiriyoni 9 y’igurwa ryanje ( Frais de Récrutement) , yose bazoyishura singiye kubagirira ikigongwe kuko ntibashima”
🗣️“ Inter Star ifise amadeni y’umurengera, iyaba ku bakinyi no kuri jewe , bishuzwa ideni ringana n’imiriyoni 90, ninayo ishobora kuba ariyo mvo yatumye Youssouf Ndayishimiye na Caleb batagura uwo mugwi kuko bari guca batangura kuriha amadeni “
🗣️“ Ndi muri Tanzania nzoshikira muri FFB kurega inter Star nce ndabibwira n’uwurongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru Muyenge Alexandre “
❇️ Kubwa Bosingwa Sports News , Inter Star ntibahakana y’uko bafitiye amadeni abakinyi ndetse n’umumenyereza , bobo bavuga y’uko Atari Inter Star iheraniye Abakinyi muri Primus League yonyene .
🆕 Mwari muzi y’uko Abakunzi ba Inter Star bari bavuze y’uko bidakunda y’uko ijisho rya Youssouf Ndayishimiye na Caleb Steeve Nzigamasabo yakiniye Vital’o Fc Atari kubabera Umurongozi kubera Ari umu Vital’o Fc? Vyose ni mumakuru ya ©️ El Radjabu Bosingwa
10/06/2025
🇧🇮⤴️Intamba mu Rugamba ziri kurondera amanota meza kurutonde rwa FIFA kugira tombora y'igikombe c'Africa 2027, izogere Uburundi buri mukibanza ciza, bunashobore gutombora neza.
🏟️Umugwi nserukiragihugu w’Uburundi, Intamba mu Rugamba, uraza gukina urukino rwa gicuti uno munsi na Mauritanie, isaha (18h00), ku kibuga El Arbi Zaouli i Casablanca, mu gihugu ca Maroc.
⚽Inyuma yo gutsinda Guinée Bissau ku wa gatanu ku ntsinzi ya 1-0, umumenyereza mushasha Sangwa Patrick ariko ararondera kwubaka umugwi ushoboye gukina neza ku rwego mpuzamakungu.
🇲🇷Mauritanie, iri ku mwanya wa 110 ku rutonde rwa FIFA, ni umugwi wiyerekanye neza mu nkino ziheruka, aho yitabiriye CAN incuro zitatu zikurikirana (2019, 2021, 2023) ndetse ikanashika muri 1/8 mu gihe yakiniye muri Côte d’Ivoire.
✅Naho biri uko, mu mateka y’inkino n’Uburundi, Mauritanie ntirigera iborohera. Mu 2020, mu kurondera itike ya CAN 2021, Intamba zatsinze 3-1 i Bujumbura, harimwo ibitsindo bibiri vya Ntibazonkiza Saido.
Musomyi 🎤 Gira akajambo ubwiye abakinyi b'intamba mu rugamba.
04/06/2025
🟪📄🤍Uburongozi bwa Vital'o Footbal Club bwarangije ikiringo cabwo, hitezwe iyinjira ry'ubundi bushasha.
🟣Uburongozi bw’umurwi ukomeye mu Burundi, Vital’O Football Club, bwarangije ikiringo c’imyaka ibiri.
📜Biri mw’itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi w’uwo murwi, Arsène Bucuti, imbere y’abamenyeshamakuru , aho yamenyesheje ko ubu hatanguye igihe co kwitegura gutora uburongozi bushasha, bwitezwe mu ndwi ya mbere y’ukwezi kw’indwi.
🏆Muri ico kiringo, uburongozi burongowe na Jamal Seif, Omar Manirambona na Selemani Amissi bwaragize intambwe idasanzwe, mugutwara igikombe c’ihiganwa rikuru ry’igihugu Primus Ligue, n’ikindi gikombe ca Nkurunziza CUP , burongera buritabira ihiganwa Mapinduzi Cup muri Tanzaniya, ndetse n’urukino rwa kivandimwe n’umurwi Rayon Sports wo mu Rwanda.
💲Arsène Bucuti ahamagarira abakunzi b'umurwi Vital'O kwitegurira uburongozi bushasha ndetse agahamgarira uwari wewese abishoboye yoshobora gushigikira umurwi Vital'O f.c ahawe ikaze.
🟪Abakunzi ba Vital’O F.C N'igiki mwipfuza k'ubururongozi bushasha bugiye gusubirira ubwahahora ❓
Présidence - République du Burundi FFB Yaga AKEZA SPORTS Intumwa Jean Petit Vyukusenge Inama nshingamateka Paeej-Burundi Sénat Burundi Papa Utamu Pj Classic FM 97.3 MHz ITEKA FM Radio
30/05/2025
🏗️🏟️🇧🇮𝗜𝗯𝗶𝗸𝗼𝗿𝘄𝗮 𝘃𝘆𝗼 𝗴𝘂𝘀𝘂𝗯𝗶𝗿𝗮𝗺𝘄𝗼 𝘀𝘁𝗮𝗱𝗲 𝗜𝗻𝘁𝘄𝗮𝗿𝗶 𝗯𝗶𝗿𝗮𝗯𝗮𝗻𝗱𝗮𝗻𝘆𝗮 𝗸𝗮𝗻𝗱𝗶 𝗯𝗶𝗴𝗲𝘇𝗲 𝗸𝘂𝗻𝘁𝗮𝗺𝗯𝘄𝗲 𝗶𝘀𝗵𝗶𝗺𝗶𝘀𝗵𝗶𝗷𝗲 .
02/03/2025
🔴⚫OGC Nice yatsinze, ibandanya kwicara mu kibanza ca gatatu muri ligue 1.
🟢Umugwi wa OGC Nice k'umusi w'ejo hahise itariki 1 ntwarante , wakinye neza utsinda Saint-Étienne ibitsindo 3-1, intsinzi yabafashije kwicara mu kibanza ca 3 muri Ligue 1 McDonald's inyuma y’umunsi wa 25.
🇧🇮Umukinyi w' Intamba mu Rugamba officiel Youssuf Ndayishimiye yaragize uruhara runini muri iyo ntsinzi, akina urukino rwose mu mutima w’ubwugarizi mu mukenyuro wa 3-4-3. Ku buhinga n’ubukerebutsi bwiwe, Nice yaronse amanota 46, angana n’aya Marseille, ariko barushanya ibitsindo.
🇨🇵Naho PSG - Paris Saint-Germain (ifise amanota 59) na Olympique de Marseille batarakina inkino zabo za 24, OGC Nice ifise umwizero wokuguma mu kibanza ca 3, ahantu heza kuko imigwi itatu ya mbere mu Bufaransa ari yo ironka itike ya gukina Champions League. Uwa 4 uca mu majonjora kugira wemererwe.
🎤Abakunzi b'umupira w'amaguru mubona Nyange azoshikana kure umugwi wiwe was OGC NICE ❓
Présidence - République du Burundi FFB AKEZA SPORTS Umugezi Actu burundisport.com Papa Utamu Radio Burundi RTNB ITEKA Pj Classic FM 97.3 MHz Ntera Nj'imbere Media Radiyoyacu VOA Vyukaa Magazine fans
09/02/2025
🟨𝐋𝐮𝐦𝐢𝐭𝐞𝐥 𝐖𝐨𝐦𝐞𝐧’𝐬 𝐋𝐞𝐚𝐠𝐮𝐞 : urukino rumwe rwungurujwe❗
⚽Umusi ugira 10 w’ihiganwa Lumitel Women’s League waranzwe n’inkino zitanu zirimwo ibitsindo 18 vyinjijwe vyose.
🏟️Umugwi Bon Avenir niwo wigaragaje cane mu gutsinda PVP Buyenzi (4-1), umugwi waruheruka guhagararira Uburundi mu nkino za CECAFA Zonal zabereye muri Ethiopie , bikaba bitariko birawukundira uyu mwaka.
✅Ku rundi ruhande, Buja Queens waraye urusimvye mu gutsinda Intwarikazi (3-2), mu rukino rwari rukomeye cane.
🌡️Izindi nkino nazo zitari zaroshe ni La Colombe Fc yatsinze Maika Fc (4-2), mu gihe Arena Star N.G yanganije na Kazoza Keza Fc (1-1).
❌Urukino rwohuje Top Girls Academy na Inyange Fc rwungurujwe ku yindi genekerezo, bivuye ku busabe bwa Inyange Fc yabuze abakinyi benshi kubera bakitswe n'amagara .
AKEZA SPORTS FFB .fleury
09/02/2025
🚨𝗡𝗧𝗜𝗕𝗜𝗦𝗔𝗡𝗭𝗪𝗘 🚨mu gikombe ca FA,
❌Liverpool itsinzwe na Plymouth, umugwi uva mu cicaro ca kabiri(1-0).
🥹Iyi ntsinzwi itangaje abatari bake irangiza indoto za Liverpool zo gutwara ibikombe bitatu mu mwaka umwe (Premier League, FA Cup na Ligue des champions), ikintu benshi bari biteze.
🥅Iyi ntsinzwi irerekana ukuntu FA Cup ishobora kuba itangaje , aho n'amakipe akomeye ashobora gutsindwa n'uturwi tutazwi .
Wewe wariwiteze iki ❓
09/02/2025
✅𝗜𝘃𝘆𝗮𝘃𝘂𝘆𝗲 𝗺𝘂 𝗻𝗸𝗶𝗻𝗼 𝘇𝗼 𝗸𝘂 𝗺𝘂𝘀𝗶 𝘂𝗴𝗶𝗿𝗮 19 𝘄’𝗶𝗵𝗶𝗴𝗮𝗻𝘄𝗮 𝗿𝘆𝗮 𝗣𝗿𝗶𝗺𝘂𝘀 𝗟𝗶𝗴𝘂𝗲 𝗕𝘂𝗿𝘂𝗻𝗱𝗶 2024-2025:
AKEZA SPORTS FFB Papa Utamu Nineza Sport Actu