IREBE Sport

IREBE Sport

Share

The official page of sports news from IREBE FM 91.4MHz & 100.2MHz

04/08/2026

🚨🏐 Mu gihe hasigaye imisi 14 kugira ngo ihiganwa rya Volleyball World Beach Pro Tour ritangure icese, imyiteguro irabandanya.

🗓 Kuva kw'igenekerezo ya 19 gushika kurya 23 Myandagaro 2026, Uburundi buzokwakira ihiganwa mpuzamakungu mu rukino rw'umupira w'amaboko (Volleyball) rukinirwa kubmusenyi.

🏖 Iryo higanwa rikaba rigiye kubera ku musenyi w'ikiyaga Tanganyika na Eden Garden, hakaba hitezwe ibihugu bigera kuri 16 bizoryitabira.

29/07/2026
28/07/2026

🚨🏐 Imisi 21 niyo isigaye kugira ngo Uburundi bwakire inkino zanyuma z'ihiganwa mpuzamakungu ry'urukino rw'umupira w'amaboko (Volleyball) ukinirwa ku musenyi,

⛱️ Iryo higanwa rikaba ryitezwe kubera ku musenyi wa Eden Garden Resort, aho ibihugu bigera kuri 16 ari vyo vyitezwe ko bizokwitabira iryo higanwa bivuye ku migabane itandukanye.

📆 Inkino zitegekanijwe gutangura kw'igenekerezo rya 19 gushika 23 Myandagaro 2026.

22/07/2026

🚨🏀 Ni Dynamo canke n'Urunani?

⏭️ Inyuma yo kuronka uburenganzira bwo gushika mu nkino z'igice canyuma, iyo migwi ibiri ikunzwe cane ku rukino rw'umupira w'amaboko (Basketball) mu Burundi, igiye guhurira mu rukurikirane rw'inkino zanyuma z'ihiganwa rya .

🗒 Inkino 7 n'izo zitegekanijwe guhuza Dynamo n'Urunani, ariko zishobora no kudashika kuko umugwi uzotsinda incuro 4 ari wo uzoba utahukanye ihiganwa ry'uno mwaka vyumvikana ko inkino 7 zishobora gushika canke ntizishike.

💰 Imigwi yompi yariyubatse mu kuzana abakinyi batandukanye, mu ntumbero yo kwitegurira izo nkino, ivyo bikaba bir'uko mu gihe Dynamo aribo batahukanye ihiganwa ry'umwaka uheze mu gutsinda Urunani mu rukino rwa nyuma.

⛹️‍♀️ Mwomenya kandi ko iruhande y'inkino z'abagabo, no mu bigeme naho inkino zanyuma zizokinwa, aho zigiye guhuza umugwi wa Dynamo WBBC na Les Hippos WBBC muri ico gice canyuma nyene.

📆 Inkino zambere ku mpande zose zikaba zitegekanijwe gutangura icese ku musi wa gatandatu, igenekerezo rya 25 Mukakaro 2026; ku kibuga ca Département, kimwe mu bibuga bisanzwe biberako inkino z'ihiganwa rikuru ry'umupira w'amaboko mu Burundi.

22/07/2026

🚨🏐 Uburundi bubandanya imyiteguro yo kwakira ihiganwa mpuzamakungu rya World Beach pro Tour 2026.

Imisi 27 niyo isigaye kugira umusenyi wa Eden Garden Resort ushobore kwakira ihiganwa , aho izoba incuro igira kane Uburundi buzoba bwakiriye iryo higanwa.

Ibihugu 16 ni vyo vyitezwe kuboneka mur' iryo higanwa, navyo bikaba ari: Uburundi, Leta zunze ubumwe za Amerika, Ubudagi, Canada, Norvège, Autriche, Danemark, République Tchèque, Israël, Ubuyapani, Ouzbékistan, Slovénie, Tanzanie, Ouganda, Rwanda na Kenya.

22/07/2026

🎯Ni muri RAHISIBET honyene hatanga umunezero aho ushobora kuryama uri umukene ukavyuka uri umu millionaire mugihe wakinye Goal Rush na RAHISIBET.😇
Kina Goal Rush ugerageze amahirwe yawe 🤗😱

GOAL RUSH🔥🔥🔥

Goal Rush irahari buri munsi , kandi uyikina ku buntu — ego cane, ni ku buntu!

Vuga uko imigwi itsindana, wongere usesangure neza, uce wironkera amahirwe yo gutsindira BIF 10,000,000 buri munsi, kandi ku buntu!

Koresha umwanya, ugerageze amahirwe yawe! ⚽💰

🔗 Tora application: app.rahisibet.com

📱 Kina utiriwe urakoresha internet ukoresheje *197 #

📞 Wipfuza kumenya vyinshi? Hamagara kuri izi nimero:

• WhatsApp: ⁨⁨79 41 14 11⁩
• Lumitel: 197
• Econet: 79 41 14 11

💙NI RAHISI NA RAHISIBET 💙

Photos from IREBE Sport's post 20/07/2026

🚨 𝐁𝐑𝐄𝐀𝐊𝐈𝐍𝐆: Urubuga rwemewe rwa Ballon d'Or ruhejeje kummenyesha abakunzi b'urukino rw'umupira w'amaguru ku bijanye n'umukinyi atahukana ako gashimwe k'umupira w'izahabu. 📑🌕

"Ego, ugutahukana igikombe c'isi birafasha, ariko ntibisigura ko umukinyi aca atahukana umupira w'izahabu. Kugira ngo uwutahukane, biragusaba kuba waritwaye neza mu mwaka w'inkino wose, si igikombe c'isi gusa."

📺 Kurikirana ikiganiro gishimikiye kuri Ballon d'Or abamenyeshamakuru banyu bahejeje gukora 👇🏽

https://www.facebook.com/61558672027280/videos/2966619233695762/?mibextid=rS40aB7S9Ucbxw6v

🏫 Ibirori vyo gutanga Ballon d'Or uno mwaka bizobera mu gisaga ca Londres, mu gihugu c'Ubwongereza.

Want your business to be the top-listed Gym/sports Facility in Bujumbura?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Category

Address


Quartier Asiatique
Bujumbura

Opening Hours

Monday 07:00 - 17:00
Tuesday 07:00 - 17:00
Wednesday 07:00 - 17:00
Thursday 07:00 - 17:00
Friday 07:00 - 17:00
Saturday 10:00 - 17:00