New Oil FC Officiel

New Oil FC Officiel

Share

Information variée surtout sportive.

Photos from New Oil FC Officiel's post 11/03/2022

Primus Ligue: Inkino zidasanzwe ziritezwe ku ndwi ya 24

Ihiganwa ry'icicaro ca mbere mu Burundi uko ryegereza ku musozo waryo niko ribandanya kuryoha.Ino ndwi ya 24 yoyo uburyohe bukaba burenze cane kuko ku nkino 8 dusanga 5 zose zizoba zikomeye cane,nazo ni izi:
1)Rukinzo (12) vs Musongati(5),nubwo ari iya 12,Rukinzo ishobora gukora ivyo Musongati ititeze.Ni kuri uno wa gatandatu kuri Stade Intwari.
Izindi zine ni izo kuw'Imana,irabire nawe:
2.Bumamuru FC(1er) vs Vital'o (9) (Stade Urunani-Cibitoke):Bumamuru yamaze kumoterwa n'igikombe irondera amanota atatu akomeye cane yo kuyitsimbataza mu kibanza ca mbere.Vital'o ni iy'9 iripfuza cane nayone amanota atatu yoyigarukana mu bibanza vya mbere.
3.Olympic Star (10)-Athletico New Oil FC (Stade Umuco-Muyinga).Bamwe bati kuri Stade Umuco hazoba hahiye.Nivyo.Athletico new Oil FC ntakindi irondera atari ukwicara ku ntebe imwe na Bumamuru mu kurondera kuyica imbere,ariko muco bita Derby de Muyinga,simbonako Olympic Star izovyemera.Muri aller baranganije.
4.Messager Ngozi (7)-Flambeau du Centre (4).Ingwano y'abavukana.Ariko ni mu kibuga c'umupira.Bose bagwanira ico bita "Big Four",donc kuba muri ine ya mbere.Ubuheruka ab'i Ngozi babujije ab'i Gitega gukora ku gikombe,ubuho biragenda gute ko muri aller banganije 2-2?Stade Urukundo itakua mwotomwoto.
5.Kayanza United(13)-Aigle Noir(5).Nivyo Kayanza United ni iya 13,ariko imaze imisi yigenza gute?Rabira ku nkino 4 iheruka gukina,yarazitsinze zose.Irondera gusezera burundu ibibanza vyegereye umurongo utukura hanyuma wironderere ikibanza ciza.Abagwanyi nabo "The Fighters" ntibabikozwa kuko muri "Big Four" hararyoha cane.Stade Gatwaro uwutazoshika kare urukino azorurabira mu biti.
Izindi nkino zitatu zibayabaye:
-Kuwa 5:Flambeau de l'Est(14) vs Top Junior (3), (Stade Intwari)
-Kuwa 6:BS Dynamique(8) vs Royal FC (16),Stade Intwari
-Kuw'Imana:Bujumbura City(11) vs Les Crocos FC(15) (Stade Intwari)

Ubona umurwi wawe ufise amahirwe?

10/08/2021

Bakunzi ba Athletico New Oil Academy,turabaramukije.
Twagire tubamenyesheko tugiye gusubira kubaronsa amakuru ajanye n’umurwi wanyu mukunda,kuri izo mvo twagire tubasabe ibi bikurikira:
-Mwipfuza ko twoza turabaha amakuru ameze gute y’umurwi?
-Kugirango amakuru tubahaye abahimbare twokwandika cane cane amakuru ayahe,ajanye n’iki?
-Ni ryari mubonako twobaha amakuru y-umurwi dufatiye ku makuru aba agezweho?

Ivyipfuzo muza gutanga ni vyo tuzogerageza gukorerako kugirango tubandanye tubashimisha.

Turanabamenyeshejeko izina rya Page NEW OIL FC rigiye guhinduka ribe ATHLETICO NEW OIL ACADEMY Officiel cokimwe n’ikirango c’umurwi arico LOGO.

Tube turababwirako urukino rwa mbere mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere (1ère Division) ATHLETICO NEW OIL ACADEMY izokwakira ROYAL FC Y’I MURAMVYA:
-Ku musi w’Imana igenekerezo rya 15-08-2021
-Kuri Stade UMUCO I Muyinga
-Isaha Icenda zuzuye neza (15h00)

Elysé Niyubahwe

Photos from New Oil FC Officiel's post 03/07/2021

Mabano Shabani,Flavier na Beni-Christa babarizwa muri ATHLETICO-NEW OIL FC

Umurwi ATHLETICO-NEW OIL FC urabandanya kwiyubaka mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa gishasha ry'icicaro ca mbere mu Burundi rya 2021-2022 .Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 02-07-2021 abakinyi 3 bashasha bakaba aribo binjiye icese muri uwo murwi:
1.Mabano Shabani:yahora muri Kayanza United.Amasezerano ni ay'imyaka itatu.
2.Ingabire Flavier:Yahora akina muri Kayanza United.Amasezerano ni ay'imyaka itanu.
3.Agateka Benny Christa:Yahora akina muri Lumière FC(Ngozi).Amasezerano ni ay'umwaka umwe.Umurwi ATHLETICO-NEW OIL FC ukaba uriko urakwiza igitigiri c'abakinyi 25 basabwa kuko ugeze kuri 24.
Ihiganwa rishasha rikazotangura ku ma genekerezo ya 13,14 na 15 ukwezi kw'Umunani.

Igisata c'amakuru
ATHLETICO-NEW OIL FC

Photos from New Oil FC Officiel's post 23/06/2021

Yasser Tuyisenge umukinyi mushasha wa Athletico New Oil FC
Uwahora ari umukinyi wa Rukinzo FC Yasser TUYISENGE yateye igikumu ku masezerano yo kuzokinira umurwi ATHLETICO NEW OIL FC mu kiringo c’imyaka 2.Ibirori bijanye n’ico gikorwa bikaba vyabaye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 23-06-2021.
Uwo mukinyi asanzwe akina cane ku ruhande rwo hagati yongera asatira akaba abaye umukinyi wa 21 yinjiye icese muri uwo murwi muri kino kiringo co kwitegurira amahiganwa ya hano mu Burundi ajanye n’umwaka wa 2021-2022.

Igisata kijejwe amakuru
Athletico New Oil FC

Photos from New Oil FC Officiel's post 20/06/2021

Landry Ndikumana na Kashindi Paul muri Athletico New Oil FC

Kuri uno w’Imana igenekerezo rya 20-06-2021 abandi bakinyi bashasha babiri binjiye icese mu murwi ATHLETICO NEW OIL FC.Abo na bo ni umukinyi w’Umusatirizi Landry Ndikumana aho yateye igikumu ku masezerano yo kuzokinira ATHLETICO NEW OIL FC mu kiringo c’imyaka 2.Uwundi mukinyi akaba na wene ari umusatirizi n’ubwo ashobora gukina no ku ruhande,ni uwitwa Kashindi Paul aho yateye igikumu ku masezerano yo gukinira uwo murwi mu kiringo c’umwaka umwe.
Landry Ndikumana,asanzwe akinisha cane ukuguru kw’ibubamfu,yarigeze gukina mu mirwi itandukanye yo mu Burundi nka Flambeau de l’Est,Vital’o,Inter Star,Kayanza United,Rukinzo...mu gihe ca vuba akaba yarakinye mu gihugu c’Urwanda ndetse no muri Djibouti.Nayo Kashindi Paul akaba yamenyekanye cane mu murwi Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga aho yawukiniye imyaka 5 irenga ariko mw’ihiganwa riheze akaba ata murwi n’umwe yakiniye.
Abo bakinyi 2 bakaba biyongereye ku bandi 18 uwo murwi ARHLETICO NEW OIL FC umaze kuzana mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa rishasha ry’umupira w’amaguru mu Burundi rya 2021-2022.

Igisata kijejwe guhanahana amakuru
Athletico New Oil FC

Photos from New Oil FC Officiel's post 15/06/2021

Umukinyi Faustin Ndikumana kera muri ATHLETICO-NEW OIL FC

Umurwi ATHLETICO-NEW OIL FC urabandanya kwiyubaka,aho kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 15-06-2021 umenyesheje icese ko wagiranye amasezerano n'umukinyi Ndikumana Faustin,amasezerano y'ikiringo c'imyaka 2.Uwo mukinyi akaba yari asanzwe akinira umurwi w'igipolisi Rukinzo.
Uwo mukinyi akaba aje yiyongera kubandi 17 bashasha binjiye muri ATHLETICO-NEW OIL FC mu misi mikeya iheze.Turamuhaye ikaze.

Kubw'Igisata co kumenyeshako amakuru muri ATHLETICO-NEW OIL FC,
Elysé NIYUBAHWE.

Photos from New Oil FC Officiel's post 12/06/2021

Abakinyi bashasha 17 nibo bamaze kugurwa na ATHELETICO NEW OIL FC
Nkuko bimenyeshwa n’ubuyobozi bw’umurwi ATHLETICO NEW OIL FC ,gushika ku musi wa gatanu igenekerezo rya 11-06-2021 abakinyi bashasha 17 nibo uwo murwi wari umaze kuzana.Bose bakaba bava mu mirwi ya hano mu Burundi kandi bose bakaba barateye igikumu ku masezerano.Uru nirwo rutonde rwabo hamwe n’imirwi bahora bakinamwo:
1. Mabano Shabani,yavuye muri Kayanza United,
2. Mwenebantu Azor John,yavuye muri Kayanza United,
3. Nzoyihiki Lionnel,yavuye muri Kayanza United
4. Ingabire Flavier,yavuye muri Kayanza United
5. Rukundo Thérence,yavuye muri Kayanza United
6.ndizeye Seif Thomson,yavuye muri Musongati,
7. Nduwayo Isaac,yavuye muri Musongati
8. Slim Saidi,yavuye muri Messager Ngozi,
9. Nininahazwe Bienvenu,yavuye muri Messager Ngozi,
10. Ndayikengurukiye Fabrice,yavuye muri Inter Star,
11. Ndikumana Hamza,yavuye muri Inter Star
12. Ngabirano Theodor,yavuye muri Rukinzo,
13. Nduwayezu Clovis,yavuye muri Rukinzo,
14. Nduwimana Haile Shalom,Athletico Academy,
15. Akbar Assumani,yavuye muri Vital’o
16. Nahimana Stève,yavuye muri Vital’o
17. Nshimirimana François,Olympic Star

Ubuyobozi bwa ATHLETICO NEW OIL FC bumenyeshako ivyo kuzana abakinyi bikibandanya,abandi bakinyi bakiri mu biganiro n’umurwi bakazomenyekana mu kiringo kitarenze indwi imwe.

Kubw’igisata kijejwe amakuru muri ATHLETICO NEW OIL FC
Elysé Niyubahwe.

Want your business to be the top-listed Gym/sports Facility in Ngozi?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Category

Telephone

Website

Address


Ngozi-Ville
Ngozi
23NGOZI