S.FAN.Style

S.FAN.Style

Share

🔍🖊Gusobanura amakuru mpuzamakungu n’ay’inkino mu Kirundi.
📚 Dusesangura, dusigura kandi dutahuza bose
📰 Amakuru avuye mu binyamakuru bitandukanye, asiguwe.

26/03/2026

🖊🖊⚽️⚽️🚨 🥇kuba Lamine Yamal yashizwe ku mwanya wa mbere (1) ku rutonde rwa NXGN 2026 rucangura impano nziza kurusha izindi z’abakiri bato kw’isi yose. Nivyo bizomugira igihangange mumyaka irimbere, kuko uw' umusore twemeranye afise impano yogukina iyi football.

Nk’uko vyari vyitezwe n' abantu benshi ko uwumwanya ukwiye uw' umusore lamine yamal.

26/03/2026

🖊🖊⚽️⚽️🚨 Muvyipfuzo vyuw'umugabo Rodri ngo nukubona ariko akinira kukibuga ca real madrid, aha nimugihe haramakuru arigutangazwa avuga ko yuguruye imiryango niba real madrid imwipfuza yomugura.🟢

Nk'umufana wa real madrid kuja kwa Rodri gukinira muri uw' umugwi hari inyungu vyotanga⁉️.
Real madrid mubakinyi ikeneye Rodri ubona afise amahirwe anganiki⁉️

26/03/2026

🖊🖊⚽️⚽️🚨Chelsea ntizokura ku kazi Liam Rosenior naho Chelsea batoshobora kuja mu migwi izoza mu mahiganwa ya Champions League mwaka wa 2026-2027, nk’uko vyavuzwe n' ikinyamakuru The Telegraph. 🗞️💙

25/03/2026

🖊🖊⚽️⚽️🚨 Inyuma yogutanga ikirego muri comite yabasifuzi bo muri Spain. Komite y’Abasifuzi bo muri Espagne yemeye ingingo yafashwe n’umusifuzi Munuera Montero yo gutanga ikarata itukura kuri Fede Valverde. 🟥

Bigaragara ko Vyari vyiza babishigikiye 100 kurindi🤔

Perez akubiswe ahababara😀

25/03/2026

🖊🖊⚽️⚽️🚨 Kub' Abakinyi ba Real Madrid ngo bashaka ko Álvaro Arbeloa aguma ari umumenyereza w’iyo Ekipe gushika mu mwaka uza akabandanya nuw' umugwi, nk’uko vyatangajwe n' ikinyamakuru Marca.✅️🤞

Bemera ko ari umuyobozi w’intwari, yegereye abakinyi kandi afise ivyiyumviro vyiza cane mu mupira w’amaguru. ⚪️

Mbega azohabwa ako kazi burundu⁉️ 👀
Ikibazo duca twibaza ubuyobozi bwa real ntibwoba bwaramaze gushira kumeza amazina yabashobora kuja kumukorera mungata⁉️

Saison iri muguhera tuzobimenya.🔄

25/03/2026

🖊🖊⚽️⚽️🚨 Bidasubirwamwo umukinyi Frenkie de Jong azoboneka mukibuga k' urukino rwogusubiriza na Athletico Madrid. Nkuko ubuyobozi bwa fc Barcelona bubitangaza.

K' umuso w' ejo hahise bari batangaze amakuru avuga ko ashobora kugaruka imbere yuko ururukino ruba.

Ariko basanze bidashoboka gukina urukino rwomuri laliga. Nkuko bari babitangaze.

25/03/2026

🖊🖊⚽️⚽️🚨 Umugabo akomoka mugihugu ca Nigeria Osimhen ashobora kuba ari umwe mumahitamwo yokuja gukina ku numero 9 muri fc Barcelona, nkuko bitangazwa n'ikinyamakuru Diario AS.

Abafana ba Barça ego canke oya⁉️

25/03/2026

🖊🖊⚽️⚽️🚨🥹 Joan Laporta yatanguye kurira amaze kubazwa kuri Johan Cruyff yitavye Imana imyaka 10 iheze uno musi:

🗣"Johan Cruyff ntiyari gusa umukinyi w’umupira w’amaguru. Kuri twebwe yari ikintu kirenze cane. Turamwibuka buri musi, kandi turacavugana na we buri musi.” 💭❤️

💔😢😢 muracamwibuka ⁉️⁉️ abashaka kotubibutsa uwo ariwe bigaragaze muri commentaires ababishaka hama tubahe amakuru yiwe.

25/03/2026

🖊🖊⚽️⚽️🚨 Lionel Messi muri team y' igihugu ya Argentina nuku ku musi w'ejo vyari vyifashe.✅️

24/03/2026

🖊🖊⚽️⚽️🚨❤️ Mohamed Salah yagize ati:

🗣“Nashatse gutangura mvuga ko ntigeze niyumvira ko iyi Ekipe, uyu muji, n’aba bantu bose boshobora kuba igice c’ubuzima bwanje.”

🗣“Liverpool si umugwi w’umupira gusa, ni passion, ni (history), ni (spirit), sinoshobora kubisigurira umuntu uwo ari we wese atari mu bagize uyu mugwi.” 🥹🇪🇬

Aha nimugihe inkuru zirikwandikwa kuruwo mugabo zivuga ko ashaka kugenda agasezera kuri Liverpool kandi mumpera ziyi saison. 😳✍️

24/03/2026

🖊🖊⚽️⚽️🚨 Barcelona musi y' ubuyobozi bw' umugabo Hansi Flick bamaze gutsinda ibitsindo bigera kuri 𝟑𝟎𝟒 munkino zigera kuri 𝟏𝟎𝟔. 😳⚽️

𝐅lick ni muster class wa laliga 🌟❤️💙

Want your business to be the top-listed Gym/sports Facility in Nairobi West?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Telephone

Address


Nairobi West